Covid-19: Impunzi y'umugwizatunga ikora isabuni bigafasha kurokora ubuzima muri imwe mu nkambi nini kw'isi

Innocent Havyariama ariko aruzuza icupa ry'isabune

Ahavuye isanamu, UNHCR

Insiguro y'isanamu, Innocent yagabanije igiciro c'ibidandazwa vyiwe vy'isuku igihe ikiza caduka akanabitanga kuri gusa ku batishoboye mu nkambi y'impunzi ya Kakuma

Igihe Innocent Havyarimana atangura gukora isabuni mw'ikambi y'impunzi ya Kakuma muri Kenya mu ntango za 2015, yariko agerageza kwiyibagiza ingene yahunze igihugu ciwe.

Ntiyari azi ko igikorwa ciwe cari gufata iya mbere mu ntambara yo kurwanya ikiza karanda ca coronavirus muri iyo kambi, imwe mu makambi manini cane kw'isi - Kakuma irimwo impunzi zigera ku 200.000.

Igihe aboneye akamaro ko gukaraba nka bumwe mu buryo bwo kurwanya ikwirakwira rya Covid-19, yaciye agabanya ibiciro, anatangura no gukora isabinyi nkenke kugira ngo bagenziwe bashobore kuyigura.

Innocent yabwiye BBC ati: "Uwo ari we wese arakeneye isabuni, ariko si bose bafise ubushobozi bwo kuyigurira. Nico gituma naciye manura igiciro, kuko nabonye ari vyiza gukingira abantu gusumba kwunguka vyinshi.

"Covid-19 yatumye nunguka cane kuko vyabaye ngombwa ko nduza urugero rw'isabuni nakora gushika ku bice 75% kugira ngo abayikeneye bayironke.

"Gusa, narumvise ko ba ntahonikora nk'abatama n'abamugaye noyibaha ku buntu".

A bustling street in the Kakuma camp

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kakuma, iri mu buraruko bushira uburengero bwa Kenya, ni imwe mu nkambi z'impunzi nini kw'isi, ikaba icumbikiye abantu bashika hafi 200.000

Ishirahamwe rifasha impunzi HCR rirashima cane umugambi wa Innocent, rikaba mbere rikunze no kwerekana uruhara impunzi zifise mw'iterambere ry'abanyagihugu babakiriye.

Eujin Byun, umuvugizi wa HCR muri Kenya yabwiye BBC ati: "Impunzi zirafise uruhara runini cane mu gufasha guhagarika ikwirakwira ya Covid-19 i Kakuma.

"Bafasha mu buryo bwinshi, haba mu kwigisha ku bijanye n'uwu mugera canke mu gufahsa abanyagihugu gufata ingingo nkenerwa".

Umupfasoni Byun avuga ko ingingo ya Innocent yo kugabanya igiciro c'isabuni ziwe itamutangaje.

"Impunzi zisanzwe zifatanye mu nda kandi zirafashanya. Mu misi iheze baritanze baradufasha ibikorwa mu bihe nk'ibi".

Aravuga n'iyindi mpunzi yo muri iyo kambi nyene, Maombi Samil w'imyaka 24 akomoka muri Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo, yahevye umwuga wiwe wo gushona impuzu, maze akora udupfukamunwa mu gihe ca Covid-19. Utu dupfukamunwa muri kino gihe turambarwa n'abakozi ba ONU.

Gutanga akazi

Ubu Innocent akoresha abakozi 42 muri urwo ruganda rwiwe yise GLAP Industries, mu majambo yose akaba ari God Loves All People (Imana irakunda abantu bose).

Cumi n'umunani muri aba bakozi ni Abakenya bava hanze y'ikambi mu gisagara ca Kakuma.

GLAP ifise isoko mu badandaza b'aho nyene hamwe n'abakora mu nzego zo hanze y'ikambi be no mu mashirahamwe y'ubutabazi.

Innocent ari kumwe na bamwe mu bakozi biwe

Ahavuye isanamu, Innocent Havyariama

Insiguro y'isanamu, Uyu Murundi avuga ko akoresha abantu 42 kandi 18 muri bo ni Abakenya baba hanze y'inkambi

N'umunezero mwinshi, uyu Murundi avuga ati: "Amashirahamwe araza kugura amasabuni yanje kugira ngo ayafashishe impunzi zidashoboye kwigurira isabuni ndetse n'abakozi bayo nyene".

Innocent si we wenyene ahingura amasabuni muri iyo kambi, ariko ntatinya guhiganwa n'abandi, mbere aranigisha n'abandi guhingura ibikoresho vyo kurwanya umwanda.

Ati: "Nipfuza kwigisha abagore n'urwaruka kugira ngo barabe ko bokwibeshaho bakisununura mu buzima bwabo".

"Nipfuza gufasha abantu uko nshoboye kwose".

Utwigoro nk'utu twiwe twarafashije kurwanya Covid-19 i Kakuma.

Ibiharuro biherutse gutangwa na HCR, ni ukuvuga ivyo ku wa 09 z'ukwa cumi na kabiri, vyerekana ko abantu 318 ari bo bayanduye, ariko umunani gusa bakaba ari bo bakivurwa. Icenda yarabahitanye.

Gushika kuwa 13 z'ukwa cumi na kabiri, Kenya yari ifise hafi 91.900 banduye, nayo 1587 ikaba yarabahitanye nk'uko ibiharuro vy'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bivyerekana.

Impunzi z'Abarundi muri Tanzania

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uruhagarara rwa politike rwatumye Abarundi barenga 300.000 bahunga mu myaka mikeyi iheze

Ingene yahunze

Innocent yahunze ava kuri Kaminuza y'Uburundi aho yariko akurikirana ivyigwa vya Chimie.

Ashitse i Kakuma, yipfuje gukora ibikorwa vyo kwibeshaho, hakuzera imfashanyo z'abagiraneza.

Ibintu ntivyoroshe muri iyi kambi isanzwe iri kure kandi mu karere k'ubugaragwa.

Mu gihe yariko ariga akarere, Innocent yagiye kubona ko ata hinguriro ry'isabuni ryari mu karere, vyumvikana ko imiti y'isuku yava hanze.

Asigura ati: "Nta kintu na kimwe nari nzi ku bijanye no guhingura isabuni, nico gituma naciye ntangura kuja ku mbuga ngurukanabumenyi kugira ndahure ubwenge".

A soap-making workshop in Kakuma

Ahavuye isanamu, Innocent Havyariama

Insiguro y'isanamu, Innocent aha abandi ubumenyi bwiwe bwo gukora isabuni mu kuremesha ibikorwa aho yigisha izindi mpunzi

Niho mu nyuma yiyandikisha mu cigwa co gukora amasabuni catangwa n'ishirahamwe World Lutheran Federation (FLM), hanyuma mu nyuma asaba ingurane umugenzi bahora bigana mw'ishure, abona gutangura uwu mugambi ari kumwe n'abakozi babiri.

Yaronkejwe kandi n'ingurane ahawe n'amashirahamwe y'abagiraneza, harimwo HCR n'ayandi mashirahamwe nka African Entrepreneur Collective (AEC), ishirahamwe rivuga ko rifasha impunzi zirenga 18.000 zikorera utwazo.

Ibikorwa vy'ukwibeshaho mu mpunzi bigenda bitera imbere

Julienne Oyler, umukuru wa AEC yabwiye BBC ati: "Umugambi nk'uwu wa Innocent urerekana neza ukungene impunzi zishobora guterera mu mibereho y'abanyagihugu bo mu turere tubahaye indaro mu buryo butandukanye.

"Amakambi nka Kakuma asanzwe ari kure ku buryo abikorera utwabo nka we barokora ubuzima mu gihe c'izi ngingo za guma mu rugo".

Icigwa c'ibanki y'isi yose co mu 2018 cerekana ko hari abantu barenga 2000 bikorera utwabo i Kakuma, kandi ko batanga intererano ku butunzi bw'igihugu igera ku miriyoni 50 y'amadorari y'Abanyamerika buri mwaka.

Umupfasoni Oyler ati: "Ibikorwa vyo kwibeshaho muri aba bantu birateye igomwe. Abikorera utwabo nka Innocent batanga ubuzi ku bantu mbere bagahindura n'ubuzima bw'ababa hanze y'ikambi".

Michelle Richey, umwigisha w'ubuhinga wo kuri kaminuza ya Loughborough akaba kandi ariko ariga ibijanye n'ibikorwa vy'impunzi, avuga ko abantu nka Innocent ni kirumara mu guhindura imbono abantu bafise ku mpunzi.

Ati: "Ubushobozi bw'impunzi buribonekeza iyo tubahaye amahirwe yo gukora, aho kwibanda ku bibazo vy'ubutabazi gusa.

"Aba bantu turashobora kubafasha gufata mu minwe ubuzima bwabo inyuma y'ingorane baba baciyemwo".

Mu nyuma, Innocent yahavuye yubaka urw'iwe kuva mu 2017, akaba yubakanye na Aline, na we nyene akaba ari impunzi y'Umurundikazi yasanze mw'ikambi.

Ibutike y'i Kakuma

Ahavuye isanamu, AEC

Insiguro y'isanamu, Icegeranyo c'Ibanki y'isi kigereranya ko urudandazwa rukorwa n'impunzi i Kakuma rwinjiza amahera arenga imiriyoni $50 mu butunzi bw'ako gace ku mwaka

Ubu bafise abana babiri b'abahungu, uwa kabiri, Prince, akaba yavutse mu mpera z'ukwa cumi na rimwe guheze.

Havyarimana arashima ubuzima abayemwo mw'ikambi i Kakuma ariko indoto yiwe ni uko yoronka akaryo ko kuja muri Australia canke Canada.

Ati: "Jewe Kakuma ndayikunda cane, ariko ndipfuza ko umugore wanje n'abana banje bobaho ubuzima bwiza".

Innocent ariko yihweza ingene yofasha abantu gusumba, kandi akabandanya abaha ubwoko 21 bw'isabuni ahingura hamwe n'ibindi bisukura, akaba anahingura n'umuti wica imigera akoresheje ca giti aloe vera yateye iruhande y'uruganda rwiwe.

Ati: "Coronavirus yaragize ingaruka mbi kw'isi yose, ariko kuri twebwe hano i Kakuma, yatumye abantu babona akamaro ko gukaraba uko bashoboye".