Impunzi za Sudani y'amajyepfo zirahanganye i Kakuma

Ahavuye isanamu, AFP
Amakuru aturuka mu nkambi y'impunzi ya Kakuma iri mu majyaruguru ya Kenya, aravuga ko hari imirwano imaze iminsi iba hagati y'impunzi z'abanye Sudan y'amajyepfo.
Iyo mirwano iba hagati y'abanye Sudani bo mu moko y'Abanuer n'Abadinka, imaze gutandukira no ku zindi mpunzi, zirimo iz'Abanyecongo n'iz'Abarundi.
Amakuru atangazwa na zimwe mu mpunzi zihari aravuga ko hari Abanyecongo n'Abarundi bagera k'umunani bamaze kwicwa.






