Muri South Africa hiyamirijwe integuro y'uko abagore bagira abagabo benshi

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Inkuru ya Pumza Fihlani
- Igikorwa, BBC News, Johannesburg
Integuro y'ingingo ya reta ya Afrika y'Epfo y'uko umugore yogira abagabo benshi mu gihe kimwe yiyamirijwe cane n'abagendera ku mico ihasazwe.
Ibi ntibitangaza Umwigisha wa kaminuza Collis Machoko, umushakashatsi azwi cane kuri ico kibazo.
Yabwiye BBC ko ukuvyiyamiriza bishingiye ku ''kibazo c'ukugenzura''. ''Abanyafrika ntibiteguriye kungana vy'ukuri. Ntizuzi ico twokoza abagore tutagenzura. "
Afrika y'Epfo ni nikwe mu bihugu bifise ibwirizwa nshingiro ritanga ubwisanzure cane, aho kurongorana hagati y'abasangiye ibitsina vyemewe kuri bose, abagabo nabo bakemererwa kugira abagore benshi.
Umugabo w'umugwizatunga kandi azwi cane mu biganiro ku mboneshakure Musa Mseleku - afise abagore bane - ari mu badashaka ko abagore bemererwa kugira abagabo benshi.
Mseleku, asanzwe yitaba ikiganiro kuri South Africa reality TV ku bijanye n'umuryango wiwe w'abagore benshi, avuga akanabaza ati: "Ibi bizosambura akaranga ka Afrika. Abana bavutse kuri abo bantu bo bizogenda gute? Bazomenya gute umwidondoro wabo?
"Umugre ntashobora gufata uruhara rw'umugabo. None ubu agiye kuzohora atanga lobola (inkwano) ku mugabo. Ubu umugabo azohora afata izina ry'umugore wiwe?"
Abarongoranye mu kinyegero
Umwigisha Machoko yarakoze ubushakashatsi ku bagore bafise abagabo benshi mu gihugu c'amavukiro yiwe - Zimbabwe. Yavuganye n'abagore 20 n'abagabo b'abakeba 45 babiciyemwo , n'ubwo bene ukwo kwubakana ari ibintu atawubahuka kuvuga canke ngo bibe bizwi mu mategeko.
"Kugira abagabo benshi, kuko bitemewe, bibera mu kinyegero. Binyegezwa nk'ukuba franc-maçon."
Iyo bahuye n'umuntu batizeye canke batazi, barahakana ko uko kurongorana kutigeze kuba. Ivyo vyose biva ku gutinya kubihorwa canke kuburagizwa."

Ahavuye isanamu, Musa Mseleku
Abitavye ico cigwa c'umwigisha Machoko bose babana umwe uwe ukwiwe ariko bazi ingene babonana muri iyo migenderanire y'umugore umwe n'abagabo benshi kandi bo hagati yabo bari babizinanyemwo.
Uwo mwigisha yavuze ati: "Hari umugore umwe yagize iciyumviro co kugira abagabo benshi igihe yari mu mwaka wa gatandatu w'amashure y'intango [afise nk'imyaka 12] amaze kwiga ko umwamikazi w'inzuki mu gitiba aba abana n'abagabo benshi."
Amaze gukura yaciye atangura kuryamana n'abagabo benshi kandi bose bari baznanye.
"Bane mu bagabo b'abakeba icenda afise muri iki gihe bari mu mugwi wa mbere w'abahungu bagendana."
Iyo umugore afise abagabo benshi, umugore akenshi niwe abironderera, agasaba abagabo kwinjira muri iyo migenderanire. Bamwe baratanga inkwano, abandi bagahitamwo kumufasha mu kubaho. Aba afise ububasha bwo kwikurako umwe mu bagabo iyo yibaza ko abangamiye iyindi migenderanire yiwe.
Umwigisha Machako avuga ko abagabo yabajije bavuga ko urukundo ariyo mpamvu yabatumye kwemera kuba abakeba. Ntibashaka ko botakaza uwo mugore wabo. Bamwe mu bagabo baranavuga kandi ko batashimisha abagore babo mu bijanye n'imibonano mpuzabitsina, gutyo bakemera ko haba umukeba hako bahukana canke ngo habe ibindi bibazo.
Iyindi mvo kwari ukutavyara - bamwe mu bagabo bemerera abagore babo kugira uwundi mugabo kugira bashobore kuronka abana. Muri iyo nzira, abagabo baca "bikura mu menyo y'abatwenzi" gutyo ntibasubire gutungwa agatoki ko ari ''intavyara".
Abarongoye amadini birabababaje
Umwigisha Machoko avuga ko atazi ingo z'abagore bafise abagabo benshi muri Afrika y'Epfo. Ariko abaharanira ukungana kw'ibitsina barasavye ko reta yokwemera mu mategeko bene izo ngo ku nyungu z'ukungana n'uguhitamwo ico ushaka, mu gihe itegeko rihari ryemerera abagbo kugira abagore barenze umwe.
Integuro yarashizwe mu rwandiko - ruzwi icese nka Green Paper - reta yashize ahabona kugira abantu hagire ico baruvuzeko mu gihe yimirije kuvugurura amategeko yerekeye kwubakana kuva harangiye intwaro y'abazungu mu 1994.
Charlene May, umunyamategeko mu kigo c'amategeko c'abagore ( Women's Legal Centre) gifasha mu kugwanira uburenganzira bw'abagore avuga ati: " Urwo rwandiko Green Paper rugamije kwubahiriza uburenganzira bwa zina-muntu kandi ivyo ntidushobora kutabibona."
"Ntidusobora kwanka gusubiramwo itegeko ngo n'uko rivuguruza bimwe mu bihasanzwe bishingiye ku gitsinagabo".
Urwo rwandiko rurimwo kandi integuro z'ingingo zo kwemera mu mategeko ukwubakana gushingiye kuri Islam, Hindu, Ubuyahudi na Rastafarian.
Mu gihe ibi vyakiriwe neza cane n'abo bisanzwe vyerekeye, integuro y'uko umugore yokwemererwa kugira abagabo benshi yariyamirijwe n'abarongoye amadini bafise intebe mu nama nshingamateka.
Umukuru w'umugambwe wa gikristu African Christian Democratic Party (ACDP) , Reverend Kenneth Meshoe, yavuze ko ''yosambura igihugu".
Yongerako ati: "Hazogera umunsi umugabo umwe azovuga ati, 'Umarana umwanya munini n'urya mugabo kurusha jewe' - hanyuma haduke intambara hagati yabo."
Ku ruhande rwiwe, umukuru w'umugambwe wa ki Islam Islamic Al-Jamah, Ganief Hendricks, avuga ati:
''Wibaze umwana avutse, hazokenerwa ibipimo vya DNA vyinshi kugira hamenyekane se uwari we."
'Abana b'umuryango'
Ku bwa Mseleku, abanya-Afrika y'Epfo ntibakwiye gushikana ''kure cane'' ikibazo c'ukungana".
"Kuba ikibazo canditswe mw'ibwirizwa nshingiro ntibisigura ko gitegerezwa kuba ari ikintu ciza kuri twebwe."

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abajijwe igituma bitoba ku bagore, kuko nawe asanganywe abagore bane, yishute ati: "Jewe banyise umwiyorobetsi kuko mfise abagore benshi ariko mbona kwiye kuvuga ubu hako nguma mpoze.
"Ico novuga mbona n'uko ivyo atari ikinya-Afrika. Ntidushobora guhindura ico turi."
Ariko umwigisha Machoko avuga ko kugira abagabo benshi vyigeze kubaho muri Kenya , Republika ya Demokrasi ya Congo na Nigeria, kandi biracabaho muri Gabon, aho amategeko avyemera.
"Aho haziye idini rya gikristu n'ubukoroni, uruhara rw'umugore rwaciye rugabanuka.Ntibabaye bakingana n'abagabo. Ukwubakana caciye kiba kimwe mu bikoresho vyo gushinga ukurutana."
Impungenge z'abana bavutse ku mugore w'abagabo benshi zari zishingiye ku bagendera ku mico ifatiye ku bagabo.
"Ikibazo c'abana kiroroshe cane. Abana bose bavutse muri ukwo kubakana gutyo baba ari abana b'umuryango."










