Margaret Wambui: Umunya-Kenya afise umudari wa olympic asaba ko haba umugwi wa gatatu w'abanonotsi

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Na Celestine Karoney
- Igikorwa, BBC Sport Africa, Nairobi
Urwego ruraba inkino z'abanonotsi (World Athletics) rukwiye gushiraho umugwi ugira gatatu mu mahiganwa kugirango ruhe amahirwe abafise urugero runini rwa testosterone yo guhiganwa ku nkino bifuza, ivyo vyasabwe n'umugore w'umunya-Kenya, Margaret Wambui yiruka imetero 800.
Co kimwe n'abandi banonotsi bashirwa mu mugwi w'abafise icitwa 'Differences of Sexual Development' canke DSD -Wambui ntashobora guhiganwa ku kirere kiri hagati y'imetero 400 na mile imwe (1.6km) hamwe n'abandi bagore kiretse abanje gufata imiti igabanya iyo nkabuzo canke uwo musemburo ya/wa testosterone.
Uwo munya-Kenya yatsindiye umudari wa bronze ku metero 800 mu nkino za Olympic zo mu 2016.
Wambui yabwiye BBC Sport Africa ati: "Vyoba vyiza bashizeho umugwi ugira gatatu w'abanonotsi bafise testosterone nyinshi - kuko sivyo kubuza abantu gukoresha impano zabo."
Urwego rujejwe izo nkino kw'isi , World Athletics, ruvuga ko ata mugambi wo gushiraho uwo mugwi rufise kandi ko ruzobandanya gushira abanonotsi mu migwu ibiri ihasanzwe y'abagabo n'abagore.
Iciyumviro c'umugwi ugira gatatu mu nkino zo kunonora imitsi cari kimaze kuvugwa, ariko Wambui abaye uwa mbere agishigikiye ku mugaragaro.
Yavuze ati: "Twoba aba mbere duhiganywe muri uwo mugwi - twoca duha intege abandi banyegeza ingene baremwe.
"Twobereka ko atari amakosa yabo, ko uko ariko baremwe, kandi ko ata kibi bakoze."
'Ndababaye kuba ntazokwitaba inkino za Olympic'
Uwo munonotsi w'imyaka 25, atarahiganwa kuva mu kwezi kw'indwi mu 2019, ntazokwitaba inkino za olympic za Tokyo, mu gihe vyamugoye guhitamwo kwiruka ku metero nke (100-200) canke ku kirere kirekire.
Kuva World Athletics ishizeho ingingo zigenga abanonotsi bafise DSD mu 2018, nta n'umwe mu bari batahanye imidari ku metero 800 mu nkino za Rio arasubira kwiruka izo metero mu mahinganwa mpuzamakungu.
Mu nkino za 2016, Wambui yabaye uwa gatatu inyuma ya Caster Semenya wo muri Afrika y'Epfo yaronse umudari w'inzahabu n'umurundikazi Francine Niyonsaba yaronse umudari w'ifeza.
Wambui ati: "Birababaje kubona muri abo batatu bose ata n'umwe azoba ahari.
''Baratubujije kubandanya amahiganwa, kuko siko twari twabiteguye. Ndababaye kubona ntazokwitaba Olympic kubera amategeko ya World Athletics."
Ku wa gatatu Francine Niyonsaba yaronse umwanya usabwa kugira azohiganwe ku metero 5000.
Abo batatu bashirwa mu mugwi y'abafise "differences of sexual development" kubera urugero ruruni kurusha urusanzwe ku bagore rw'umusemburo(inkabuzo) wa testosterone.
Ku mategeko ya World Athletics yasohotse mu 2018, abanonotsi b'abagore bafise DSD ntibashobora guhiganwa ku birere biri hagati ya metero 400 na mile imwe (1.6km) - kiretse babanje kugabanura urwo rugero rwa testosterone, World Athletics ivuga ko ruha abanonotsi akarusho kadakwiriye ku bandi baba bariko barahiganwa nabo.
Urwo rwego ruvuga ko testosterone bimwe mu vyo ituma ariko ishobora kwongereza ubushobozi bwo kutaruha n'inguvu z'imitsi, kandi ko amategeko ajanye n'aba DSD akenewe kugira ''habe ihiganwa ritarenganya kandi riri n'ico rivuze mu murwi w'anbagore".
Abanonotsi barashobora kugabanya urugero rwa testosterone mu gufata iminti canke mu kwibagisha - n'ubwo kwibagisha bidahanurwa cane.
Semenya mu rugamba rw'amategeko

Ahavuye isanamu, Getty Images
Semenya yatwaye umudari w'inzahabu wa Olympic kabiri, ari imbere ku rugamba rwo kurwanya amategeko ajanye n'abafise DSD.
N'ubwo amaze gutsindwa kenshi muri sentare za Buraya, aracabandanya urugamba.
Mu kwezi kwa kabiri, yajanye urubanza rwiwe muri sentare ya Buraya y'agateka ka zina muntu, avuga ko ingingo yo gusaba abanonotsi ko bahindura imibiri yabo ari ugohonyanga uburenganzira bwa zina muntu.
Umugwi w'abuganganira Semenya (w'imyaka 30) , baranakema icitwa urwego rujejwe inkino - gushika ubu rufatwa nk'amashirahamwe yikorera ivyayo - mu nzira yo kurwanya amategeko ya DSD ya World Athletics.
Patrick Bracher , umwe mu bunganizi mu mategeko avuga ati: "Hamwe tworonka ingingo ya sentare ya Buraya ijejwe agateka kja zina muntu ivuga ko inzego mpuzamamakungu z'inkino atari inzego zikorera ivyazo kandi zirengeye amasezerano mpuzamakungu yereyeke agateka ka zina muntu, ico coba ari ikintu gihambaye cane ku nkino muri rusangi."
"Inzego mpuamakungu z'inkino zizoca ziba nk'inzego zikora imirimo ijanye n'ama reta - kuko zitunganya ibintu ku rugero mpuzamakungu - ico coba ari ikintu gihambaye ku nkino.
"World Athletics izotegerezwa guca ibifatirako kuko bazoca bamenye ko iyo bagiye muri sentare ica imanza z'inkino (urwego rw'amategeko rwa mbere rwisumbuye mu nkino) muri kazoza, amaherezo bazotegerzwa kwisunga ibintu mu buryo bwagutse gusumba: mu yandi majambo, ibibazo vy'agateka ka zina muntu."
Hamwe botsindwa, Bracher avuga ko urugamba rw'amategeko rwa Semenya ruzoba rurangiye.
Bibonwa mu buryo butandukanye
Ariko , bitandukanye na Wambui, Semenya ntashaka ko hazanwa umugwi wa gatatu mu nkino z'ubunonotsi.
Bracher avuga ati : " Caster Semenya yavutse, akura, yiga kwiruka, abaho yongera ahiganwa nk'umugore, urubanza rwose rero rukaba ar'urwo uburenganzira bwiwe bwo kubikora."
"Bibi gusumba ngaho ni uko ushizeho umugwi nk'uwo, bivuga ko ata muntu n'umwe yoheza ngo yiruke muri uwo mugwi atabanje kwerekana icese ibijanye n'amagara yiwe. Vyoba bisubiye kuba ibindi bipimo bifatiye ku gitsina biciye ku ngingo y'uko umuntu abivuga ubwiwe."
Hagati aho World Athletics yarahakanye ko ata mugwi wa gatatu uzoshirwaho.
Mw'itangazo yahaye BBC, World Athletics yavuze iti: " Abanu bamenye ko abanonotsi bafise DSD bagize 0.7% y'abanonotsi bose b'abagore, gutyo umugwi ugira gatatu ntiwkora ku nkino zitari nke."
Gufata ibintu gutyo bisigura ko Wambui - avuga ngo "gufata imiti [igabanura testosterone] ntivyigeze binca mu mutwe" - ntazokwigera ashobora gusubira guhiganwa ku kirere yifuza.
Amaze kuvyiyumvira cane , uwo munonotsi w'imyaka 26, yaciye ahitamwo kugerageza imetero 5000, bivuze ko azomara igihe atasubira guhiganwa kuko azofata umwanya wo kumenyera ico kirere.
Avuga ati: "Bizombabaza kuraba inkino za Olympic kuri television kandi nari kuba nashoboye kuzitaba.
"Ariko nzoziraba kuko inkino [Sport] zindi mu maraso."










