Burundi - Olympics: Francine Niyonsaba yaronse 'minima' zo kuja mu nkino za Tokyo

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umunonotsi rurangiranwa w'umurundukazi Francine Niyonsaba yaronse uburenganzira bwo kuja mu nkino za Olempike za Tokyo inyuma yo kwiruka imetero 5,000 mu minota 14:54.38 mw'ihiganwa rya Meeting international de Montreuil 2021.
Kugira uje mw'ihiganwa rya Olempike ku metero 5,000 utegerezwa kugira umwanya uri musi ya 15:10.00.
Uwo munonotsi kandi yaciye umuhigo ku bigeme biruka izo metero mu Burundi, akaba ari na wo mwanya wiwe mwiza agize kuri izo metero.
Bwari bubaye ubwa kabiri yiruka imetero ibihumbi bitanu, ubwa mbere akaba atari yashoboye kuronka umwanya ukenewe igihe yiruka izo meteromu minota 15 n'amasekunda 12.08 mw'ihiganwa ryabereye muri meeting yabereye muri mu kwezi guheze.
Francine Niyonsaba riko yari asanzwe azwi cane mu kwiruka imetero 800, aho yigeze gutahukana umudari w'inzahabu mw'ihiganwa ryabereye mu Bwongereza mu 2018.
Uwabaye uwa mbere muri iyo meeting ya Montreuil n'umunya-Kenya Beatrice Chebet, yaciye akagozi ku masekunda abiri arenga gato imbere ya Niyonsaba.
Niyonsaba w'imyaka 28 yahisemwo guhindura aja ku metero ibihumbi bitanu aho kwemera gufata imiti yo kugabanya inkabuzo/imisemburo ya testosterone.
Ku mategeko mashasha y'urwego ruraba inkino zo kunonora imitsi, Niyonsaba ashirwa mu bafise icitwa 'Difference of Sexual Development' canke DSD - gutyo akaba atemerewe kwiruka imetero ziri hagati ya 400 na mile imwe (1.6km) adafashe imiti igabanya imisemburo ya kigabo bita testosterone.
Ku wa gatanu, umunya-Afrika y'Epfo Caster Semenya, umukeba wa Niyonsaba ku metero 800 n'uwundi munonotsi nawe ashirwa mu ba DSD, bahejeje ku mwanya utabaha kwitaba inkino za olempike ku metero 5.000.
Semenya w'imyaka 30 yahejeje izo metero ku 15'32".15 muri meeting ya Durban - aho akaba yarengeje amasekunda 22.15 ku mwanya usabwa.
Semenya bwari ubwa kabiri ageregeza kurondera itike yo kwitaba inkini za Tokyo.
Itariki ntarengwa y'abashaka kuzitaba kugira babe baronse umwanya usabwa ni 29 ukwezi kwa gatandatu, nk'uko vyashinzwe na Comite International Olympique, CIO.
Mu nkino za Olempike za Rio, Francine Niyonsaba yari yatahukanye ikibanza ca kabiri, aronka umudari w'ifeza.
Francine Niyonsaba yabwiye BBC ko anezerejwe n'iyo ntsinzi kuko ngo bitamworoheye.
Avuga ati: "Ndaryohewe cane kuko vyaransavye kwirinda kubabara, ndihanganira ingorane nyinshi, ndagerageza guhindura ndeka kwiruka imetero 800 nja kwiruka imetero nyinshi."
Niyonsaba yaheruka kwandika ku rubuga rwa Twitter asaba abategetsi b'Uburundi kworohereza abanonotsi gukora imyimenyerezo neza, aho yari yashikiye mw'ihoteli ategerezwa kumaramwo imisi ine mu kwubahiriza amabwirizwa yo kwirinda Covid-19.
Ico gihe yavuga ko abandi banonotsi boroherezwa mu bihugu vyabo.
Avuga ko akamo kiwe bakumvise, uwo musi nyene bakaba baciye bamurekura arataha kubandanya kwitegura.
Mu 2019, Francine Niyonsaba, yahiganwa mu gusiganwa imetero 800, yabwiye BBC ko ata n'umwe ashobora kumubuza kubandanya ahiganwa.
Avugana na BBC mu gihe ikinyamakuru Forbes giheruka kumushira ku rutonde rw'abagore 30 bahambaye muri Afrika, Francine yari yavuze ko azobandanya ahiganwa mu kunonora imitsi, uko vyogenda kwose.
Yavuze ko iyo ngingo yo gushaka kubakumira irimwo akarenganyo.












