Francine Niyonsaba yabaye uwa mbere muri Diamond League

Ahavuye isanamu, FRANCINE NIYONSABA
Umunonotsi w'umurundi mu kwiruka imetero 800, Francine Niyonsaba yabaye uwa mbere mw'ihiganwa rya Diamond League i Birmingham mu Bwongereza, agize 1'56''94.
Mu zindi nkino za Diamond League zabereye Maroc n'Ubutaliyano yagiye aba uwa kabiri.
Mu kwezi kwa gatatu uyu mwaka, Francine Niyonsaba yatahukanye ikibanza ca mbere mu kwiruka imetero 800 mu nzu, mw'ihiganwa ryabereye i Portland ahoya gize 2'00''01.
Inyuma y'iryo higanwa, uwo munotsi yaciye afata akayira yerekeza muri Amerika kubandanya imyimenyerezo.






