South Africa: Umugore yoba agiye kwemererwa kurongorwa n'abagabo benshi?

Kurongorana

Ahavuye isanamu, Getty Images

Reta ya Afrika y'Epfo iriko irihweza ingene yohindura amategeko ajanye no kwubakana.

Ni mu gihe mu ntango z'uku kwezi yasohoye urwandiko rwerekana bimwe mu vyo itegekanya guhindura.

Bimwe muri vyo harimwo ko bashobora kwemerera abagore kwubakana n'abagabo benshi (polyandrie/ polyandry) - mu yandi majambo ko umugore ashobora kurongorwa n'abagabo barenga umwe.

Mu bice bitari bike vya Afrika, abagabo guharika ni ikintu gisanzwe. Nk'akarorero muri Afrika y'Epfo nyene, uwahoze arongoye ico gihugu, Jacob Zuma, yari afise abagore batanu.

Ni uwo mu bwoko bw'Abazulu, mu mico n'imigenzo y'Abazulu, abagabo kugira abagore benshi ni ibintu vyemewe.

Izi mpinduka Afrika y'Epfo ishaka kuzana mu gihugu zateye impari nyinshi ku mbuga hwaniro.

Umunyamakuru asanzwe akorera muri Cape Town, Latashia Naidoo yakurikiranye ivyandikwa na bamwe n'abandi kuri iki kibazo, yabwiye BBC ko iyi ngingo yateye impari nyinshi ku rubuga rwa Twitter, aho avuga ati: "Twitter yo muri Afurika y'Epfo isa nk'aho yarengewe kubera iyi ngingo".

Avuga ko hari abagiriza abahurikiye mu mashirahamwe aharanira uburinganire hagati y'abagabo n'abagore kujana nyabahururu bagatahura nabi ibijanye n'ukungana hagati y'abagabo n'abagore.

Latashia avuga ko abarongoye amadini babona ko izi mpinduka mu mategeko zije gutera agashinyaguro ku migenzo ya Afrika, bakabona ko ari amategeko ashingiye ku mico y'abazungu aje gusambura imico n'imigenzo ya Afrika, ivyo abagabo benshi muri afrika badashobora kwakira.

Bamwe muri aba bagabo ni Pasitori Kenneth Meshoe, umukuru w'umugambwe African Christian Democratic Party. We avuga ati: "Nta mugabo n'umwe yemera gusangira umugore n'uwundi mugabo.

"Rero, fata uri umugore, ukaba ufise abagabo batatu bose bemeza ko uri umugore wabo. Mbega mu gihe bose bogushakira rimwe mw'ijoro rimwe, wogira gute? Iyi ni ingorane".

Kubw'iwe, "iyo haje itegeko rigerageza guhindura imico n'imigenzo vy'abantu, imico shingiro, yubahwa kandi yamye yigishwa imyaka ibinjana n'ibindi", abantu bokwitonda.

Ati: "Ni ngombwa ko reta ivugana n'abanyagihugu imbere yo gufata ingingo. Muri iki gihe, abantu benshi - na jewe ndimwo - babona ko iki ciyumviro kidatumbereye".

Hagati aho, hari abagore bavuga ko umugore guharika ata ngorane biteye ku mico n'imigenzo ya Afrika, ko ahubwo bije biteye kubiri n'imico y'imiryango iha ububasha bwose umugabo (patriarcat/patriarchy).

Elizabeth Retief, ni umwe mubafise abagabo benshi, akaba yakirije yompi iyi ngingo avuga ko yuguruye inzira yo kuganira ku bibazo vyose bijanye no kwubakana.

Ati: "Ni inzira yo kuganira, mukavugana muti 'kubera iki dufise amategeko ajanye n'ukwubakana, yorohereza bamwe, agaha uburenganzira, akanakingira abantu bamwe, mu gihe abandi nabo ataba akarusho'?".

Kubw'iwe, izi mpinduka zishobora gukingira abagore benshi bari mu madini y'aba Hindu, aba Islam n'aba Rastafari, usanga bubakanye na benshi mu buryo butemewe n'amategeko ya Afrika y'Epfo.

Abashigikiye izi mpinduka, bavuga ko aya mategeko agenga ukwubakana yorohereza uruhande rumwe akarenganya urundi.

Ikiriho ubu, ni uko iki ciyumviro kikiri mu banyagihugu kugira bagire ico bakivuzeko. Mu gihe izi mpinduka zokwemezwa, vyoba bibaye ubwa mbere muri Afrika.