Kubera iki abagore bafise ububasha buke ku bagabo?

Abagore

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abagore ntibakunze gushigwa mu mabanga akomeye

Kuba abagabo bari mu nzego z'ubutegetsi kurusha abagore ntawe bitangaza ariko ntibiba ibisanzwe iyo abagore usanze banganishwa n'abagabo

Ibihugu birashobora gutera intambwe mu gukora akigoro, bigashira abagore mu bibanza vy'ubutegetsi.

Nk'akarorero, igihugu c'u Rwanda cagenye leta aho igice c'ubushikiranganji bwahawe abagore.

Ivyo vyabaye haheze iminsi hahejeje gushingwa leta y'amangane (abagabo n'abagore) mu gihugu ca Ethiopia.

Hari utundi turorero kw'isi aho abagore usanga banganya amabanga akomeye n'abagabo, canke bakanabarusha.

Nko mu gihugu ca Slovénie abacamanza bane ni abagore ku mugabo umwe.

Muri Namibia umwe kuri babiri mu bisata bikuru vy'itangazamakuru ni umugore.

Kubona abagore baja mu bibanza bikunze gusangwamwo abagabo birakwiye gukezwa.

Naho vyibonekeza ko ibindi bihugu vyari bikwiye kuhakura akarorero, umuntu arashobora kwibaza uwutuma canke igituma ibintu bigenda uko.

Ububasha bw'abacamanza

Ruth Bader Ginsburg

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ruth Bader Ginsburg ni umwe mu bacamanza batatu ba sentare ntahinyuzwa muri Amerika

Ibikiri mu mitwe y'abantu ni igenwa ritashigikiwe na bose rya Brett Kavanaugh ku burongozi bwa Sentare Ntahinyuzwa ya Amerika, n'ivyo yavugwako ko yahohoteye abagore bishingiye ku gitsina ariko nawe akabihakana.

Sentare Ntahinyuzwa - aho abagore ari batatu ku bacamanza icenda - vyerekana ingene urwo rwego rufise ububasha bunini.

Nko mu gihugu c'Ubwongereza, abacamanza bagenwa bamaze igihe kirekire mu kazi - kenshi biciye mu mihora igwiriyemwo abagabo - amategeko akava ku ngingo bafata n'ivyo babonye mbere.

Mu bindi bihugu nk'Ubufaransa na Slovénie ububasha bw'umucamanza buri ku rushi. Mu bucamanza bw'ivyo bihugu bikurikiza cane cane amategeko yanditswe, abacamanza ntibarekuriwe kugira ico bayiyumvirako.

Ingene batorwa naho nyene biratandukanye. Abahejeje kuronka urukaratasi rw'umutsindo mu vy'amategeko, baba abacamanza mu gukora ikibazo kibaha uburenganzira bwo guca bahabwa ikarishabwenge.

Abarenga batandatu ku bacamanza cumi mu Bufaransa ni abagore, ariko bakaba bahembwa intica ntikize.

Abanyamategeko baho baronka amahera mu gukora mu bigo vy'abikorera utwabo.

Ibitigiri binini vy'abacamanza b'abagore bisangwa mu bihugu vyahora mu muryango w'aba Soviets.

Nko muri Slovénie, Roumanie na Latvia, abacamanza indwi kuri cumi ni abagore.

Inyuma yaho ibintu bihindukiye

Mu buzi bumwe bumwe, abagore bashikirijwe ubutegetsi ibintu bitanguye guhinduka.

Nk'akarorero mu gihugu ca Bulgarie c'aba komunista, itangazamakuru ryari igisata kiri mu minwe y'ubutegetsi.

Ariko inyuma yo mu 1989, umwidegemvyo mu itangazamakuru uriyongera bituma abagore benshi binjira muri ico gisata, ubu bakaba bagabura amabanga akomeye n'abagabo.

Mu gihugu c'u Rwanda, ukwitwararika ikibazo c'igitsina mu nama nshingamateka vyatanguye mu 2003.

Perezida w'u Rwanda Paul Kagame hamwe n'abashingamateka bashasha 80 mu kwezi kw'icenda mu 2018

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Perezida w'u Rwanda Paul Kagame ari kumwe n'abashingamateka bashasha 80 mu kwezi kw'icenda mu 2018

Muri kino gihe abashingamateka batandatu kuri cumi ni abagore, ivyo bigatuma ico gihugu kiba ica mbere kw'isi.

Ariko hano umuntu arashobora kwibaza ububasha bafise ubwaribwo vyukuri.

Umukuru w'igihugu c'u Rwanda - umugabo - Perezida Paul Kagame avugwa ko atwaza igikenye.

Hari abavuga ko kugira igitigiri kinini c'abagore mu nama nshingamateka bidasigura ko bafise ububasha.

Ku rundi ruhande, hari abavuga ko bifise akamaro ku bijanye n'imibano.

Ivyo ngo bituma icubahiro ku bagore ciyongera kuva mu miryango gushika no mu kibano, abo bagore bagashobora kugira uruhara mw'ifata ry'ingingo zitandukanye.

Bino vyose bisigura iki?

Isano hagati y'umugore n'ububasha ni ikintu kitoroshe kandi kigoye igihe ushatse kwisunga ibitigiri gusa - birakenewe kubirabira hejuru.

Mu gihe impinga ikiri ndede, turazi ko kugira abagore mu mabanga akomakomeye - naho bitameze neza hose - bituma umuntu abibonamwo ububasha, kuberako abantu baca batangura kumenyera indongozi z'abagore.