Abagore ba ANC muri Afrika Yepfo basaba ko abagabo basambanya abigeme ku nguvu bocibwa amagara

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ishirahamwe ry'abagore bahurikiye mu mugambwe uri ku butegetsi ANC muri Afrika yepfo, risaba ko abagabo bafatwa bafashe abigeme ku nguvu bocibwa amagara, nkuko ikinyamakuru Daily Maverick kivuga.
Ico kinyamakuru gisubiramwo amakuru ari mw'itangazo ryarungitswe n'umukuru w'iryo shirahamwe Meokgo Matuba.
Avuga ko gukoresha ubumara mu gukona, gukoresha ibinini ngo umuntu ntabe acipfuza kurangura imibonano mpuzabitsina, bigiye kwihwezwa, ariko kandi "uburyo ubwaribwo bwose bwo gukona" ngo bushobora gukoreshwa.
Madamu Matuba arazi ko abaharanira amateka bashobora kugwanya uwo mugambi ariko avuga ati:
"Ni iciyumviro duhagazeko ko ivyaha bishingiye ku gufata abakobwa ku nguvu bihonyanga agateka k'abakoregwa ayo mabi, bihungabanya umutekano n'amahoro mu kibano, kurivyo agateka k'abakora mwen'ivyo vyaha ntigakwiye kurengera agateka k'abahohotewe."

Ahavuye isanamu, Getty Images
Iryo tangazo risohowe inyuma yaho hatanguriye urubanza rw'umugabo yafashe ku nguvu umwana w'umukobwa w'imyaka indwi, muri surwumwe y'inyubakwa y'akavunamusase.
Igihugu ca Afrika Yepfo kiri mu vya mbere kw'isi birimwo ingeso yo gufata abigeme n'abagore ku nguvu.
Ku bw'igipolisi c'ico gihugu, amabi ashingiye ku gusambanya ku nguvu abagore n'abakobwa ni 40035 mu mezi 12 gushika itariki ya 31 ukwezi kwa Gatatu, bisigura hagiye harakogwa amabi nka mwenayo 110 ku munsi, nkuko bivugwa n'ikigo Africa Check. .










