Rwanda: Ishuli rifasha abahungu kwitaho abakobwa no kubakingira

Ahavuye isanamu, CARE
Kw'ishuli riri hanze y'umuji wa Kigali, abana b'abahungu bigishwa ingene bohagarika amabi ashingiye ku gitsina akoregwa abakobwa.
Mu gihe abakobwa bigishwa ingene bokwiteza imbere, bakimenya ku bijanye n'uburyo bw'amahera, n'ingene bovyara ku rugero; abahungu bigishwa ingene boshengeza abakoze amabi n'ingene bokwubaha abagore n'abigeme mu buzima bwabo.
Ivyo vyigwa biba inyuma y'ivyigwa bisanzwe kw'ishuli "Safe School for Girls".
Iminsi yose ku muhingamo, abahungu n'abakobwa barigaburamwo imice, bakiga ingene boteza imbere ubuzima bw'abagore mu gihugu cose c'u Rwanda.
Ku bahungu, ni akaryo ku kubabwira ko kurangiza amabi akoregwa abakobwa biva ku bagabo.
Abahungu n'abagabo nibo basabwa gushengeza abakoze amabi canke abahohoteye abakobwa.
"Igihe bishitse tukabona uwakoze amabi, turabivuga, tugakora ukwo dushoboye ngo abakoze ayo mabi baje imbere ya sentare," niko Rini Mutijima w'imyaka 18 yabwiye BBC.
"Ku bakobwa bakorewe ayo mabi, turabaremesha, tukabaha impanuro, tukabafasha gusubira mu buzima busanzwe," niko avuga.
Ishirahamwe "Christian Action Research and Education" (Care) ari naryo rirongoye iryo shuli, rikorana n'amashirahamwe atarondera inyungu, riremeza ko iryo shuli rishobora gutanga inyishu zofasha kugwanya ingeso yo gukora amabi hamwe n'ubudasa bw'ubushobozi buri hagati y'abahungu n'abakobwa.
Gufata abigeme ku nguvu hamwe n'ihonyabwoko
Mu Rwanda hari ingeso yatanguye kera yo gukorera amabi abigeme.
Igihe ca jenoside mu 1994, abagore bashika 500000 barasambanishijwe ku nguvu, mu bwicanyi bw'ikiringo c'iminsi 100, aho abahutu b'intagondwa bishe abatutsi n'abahutu 800000.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ako gahugu kangana urwara ko muri Afrika yo mu buseruko, kariyerekanye muri ino myaka irangiye mu kugerageza kuduza agateka k'abigeme n'abagore muri rusangi.
Bafise igice kinini muri leta, bakagira ibice birenga 60% kw'ijana mu nama z'ishinga amategeko z'u Rwanda.
Ivyigwa bitangwa kw'ishuli Safe School for Girls, bishikirizwa ku mashuli 174 mu gihugu cose, bikazofasha mu gukemura ikibazo c'iserukirwa ry'abagore no mu bindi bibazo abagore bahura navyo mu buzima.
'Ubu ndashobora gukingira mushikanje'
Kw'ishuli ry'ahitwa Ruhango mu bumanuko bw'u Rwanda mu ntara yo mu Bumanuko, haratangwa icigwa c'ubundi bwoko inyuma y'umutaga.
Ku munsi wa mbere ushobora gusanga abahungu bigishwa ku bijanye n'ubutinyanka bw'abakobwa, umunsi ukurikira ugasanga bigishwa ingene bokwirinda guhohotera abakobwa bitwaje uburyo bw'amahera.
Rimwe ku ndwi abo bahungu barahererekana ivyiyumviro ingene borangiza amabi ashingiye ku gitsina.
Ivyo vyigwa bikurikiranwa n'abakobwa bageze mu bigero 47000 hamwe n'abahungu 19000 kuva mu 2015.

Ahavuye isanamu, CARE
"Turiga ivya kahise," niko Patience Manzi, umuhungu w'imyaka 16 avuga.
"Twiga ivyo kugira ngo tumenye kahise, tugafasha gukinga ngo ntihagire abakubita abagore babo."
Shoffy Manishimwe w'imyaka 16, yamwunganiye ati: "Ikintu ciza nize ni gukingira mushikanje.
"Biri mu vyo nsabwa gukora nk'umuhungu mu gukingira mushikanje."
Ishuli Safe School for Girls rifise intego yo guhagarika amabi imbere yuko akorwa, mu kwigisha abahungu ko abakobwa bakeneye kubaho neza, bakiga kandi ntibakoregwe amabi.
"Hari abakobwa babuzwa kuja kw'ishuli," niko Robert Rwibutso w'imyaka 17 avuga.
"Biri mu vyo nsabwa gukora ngo mpanure abavyeyi bamenye ko umukobwa wabo afise uburenganzira bumwe nka musazawe.
"Iyo musazawe aba yiga, nawe nyene aba akwiye kwiga."










