Wokwemera kuba mu gisagara usigayemwo uri umwe rudende?

Elsie Eiler akunda gusoma ibitabu

Ahavuye isanamu, WILL FRANCOME

Insiguro y'isanamu, Elsie Eiler akunda gusoma ibitabu

Muri leta ya Nebraska mu buraruko bwa Amerika, ku birometero umunani uvuye ku rubibe rwa Dakota yo mu bumanuko, niho hari igisagara ca Monowi, aho umukenyezi Elsie Eiler yibera.

Kugira ushike muri ico gisagara ca Monowi, uca mw'ibarabara ry'ivu riduga, rikikujwe n'ivyibare hamwe n'imirima y'ingano.

Urashika kw'isengero yahebwe, intebe zigaragara, ukabona n'inzu zahenutse zamaze kumeramwo ivyatsi.

Mu nzu yera y'irangi rishaje, niho umugore w'imyaka 84, Elsie Eiler aba, hirya hakaba akabare kazwi kw'izina rya Monowi Tavern, aho umubona yugururira abashitsi amacupa y'ibiyeri, abantu ubona ko bamenyereye kuhaza.

Igihe umugabo wiwe Rudy apfiriye mu 2004, Elsie niwe yasigaye muri iyo nyubakwa, ariko kandi aba ariwe wenyene asigara muri ico gisagara.

Inyubakwa za Monowi ni ibibandahori

Ahavuye isanamu, WILL FRANCOME

Insiguro y'isanamu, Inyubakwa za Monowi ni ibibandahori

Gushika uyu munsi, ibarugwa ryakozwe muri Amerika, rivuga ko Monowi ariho hantu honyene mu gihugu haba umuntu umwe rudende.

Elsie niwe mukuru w'igisagara, niwe munyamabanga, niwe ajejwe ibigega, niwe ajejwe "bibliothèque", niwe nyene akabare, niwe wenyene asigaye muri ico gisagara ca Amerika wogira ngo caravumwe n'Imana.

Umukuru w'igisagara kigaragara

Ubuzima bwa Elsie, wenyene mu gisagara, nta handi umuntu yovyumva.

Elsie Eiler
Insiguro y'isanamu, Elsie Eiler avuga ko bimunezera kwibera wenyene mu gisagara ca Monowi

Kira mwaka, aramanika itangazo kw'ibare ryiwe, ari narwo rudandazwa rwonyene ruri i Monowi, amenyesha ko hagiye kuba amatora y'umukuru w'igisagara, munyuma akitora.

Uwo mukuru w'igisagara asabwa icegeranyo c'imigambi yiwe kugira ngo aronke amahera atangwa na leta ico gisagara gikukira, kugira ashobore guhabwa ku mwaka amadolari $500 yo kubungabunga amatara atatu yo kw'ibarabara, no kuronswa amazi.

"Igihe nsaba muri leta ukw'umwaka utashe uruhusha rwo gucuruza inzoga zikaze hamwe n'itabi , baca bandungika ku munyamabanga w'igisagara, naho ari jewe," niko Elsie asigura.

"Naca mera nk'uwugiye kuri uwo munyamabanga, nkiyakira, nkikorera vyose".

Elsie n'abashitsi biwe

Ahavuye isanamu, WILL FRANCOME

Insiguro y'isanamu, Elsie yama afise abashitsi baje kumuramutsa n'abaje mu kabare iwe

Ibihe vyiza vya Monowi

Mu myaka y'i 1930, i Monowi hari ahantu haryoshe, hakundwa n'ingenzi zikoresha inzira y'indarayi ya Elkhorn, hakaba abanyagihugu 150, ibigega vy'indya, ibibanza vyo gufunguriramwo hamwe n'ibohero.

Elsie yakuriye mw'itongo riri ku metero 400 uvuye mu gisagara hagati, amenyana na Rudy kw'ishuli rya Monowi, igihe yari mw'ishuli ry'intango.

Barafatana bisi hamwe bagiye kw'ishuli ryisumbuye ryari ku birometero 11, gushika igihe Rudy yinjiriye mu gisirikare ca Amerika co mu kirere.

Igihe Rudy yakorera mu Bufaransa mu ngwano ya Korea, Elsie nawe yari yagiye Kansas mu vyiwe.

"Nagiye gukora mw'ishirahamwe ryo kwunguruza abantu n'indege, mfise intego yo kuba umukozi wo mu ndege "hotesse de l'air", niko avuga.

Yagarutse afise imyaka 19, yubakana na Rudy, bavyaranye bongera bafashanya kurera abana babiri.

Munyuma Rudy yaranaguye akabare kari karahomvye, kahora ari aka se wa Elsie, mu 1971.

Isengero rya Monowi

Ahavuye isanamu, Copyright of the image WILL FRANCOME

Insiguro y'isanamu, Monowi niko gace konyene ka Amerika kabamwo umuntu umwe gusa

Igihe abantu bagendera icarimwe

Igihe akabare Monowi Tavern gasusubiriye kwugurura, Monowi yasa niyatanguye kuburamwo abantu.

Mu gihe ibikorwa vy'uburimyi vyari vyamaze gutituka, ubutunzi bugakoroka inyuma y'ingwano ya kabiri y'isi yose, abantu benshi baciye batangura kunyika.

Imisa ya nyuma yo gusezera uwapfuye, yasomewe se wa Elsie mu 1960, mw'isengero rya Monowi ryubatswe mu mbaho.

Ibiro vya posita hamwe n'inyubakwa zitatu z'ibigega zugaye hagati y'i 1967 n'i 1970, ishuli naryo ryugara mu 1974.

Abana babiri ba Elsie baciye baja kurondera akazi hagati mu mwaka w'i 1970, hagera mu 1980 igitigiri c'abanyagihugu ba Monowi kimaze kugabanuka, kigeze ku bantu 18 gusa.

Inyuma y'imyaka 20, abantu babiri bonyene bari basigaye i Monowi bari Rudy na Elsie, bakora mu kabare kabo.

Ifoto y'igisagara ca Monowi kera

Ahavuye isanamu, WILL FRANCOME

Insiguro y'isanamu, Monowi yahorana abantu 150

Naho ari wenyene mu gisagara, Elsie nta bunyakamwe yumva

Mu mirimo yiwe ya minsi yose, Elsie yakira abakiriya biwe bamenyeranye, bamwe bava ku birometero 40, abandi bava ku birometero 300 nk'ahitwa Lincoln na Omaha.

"Ni nk'umuryango munini," niko Elsie avuga, yicaranye n'umugenzi ariko amufasha mu rukino rwa "mots croisés".

"Haza abakiriya bo mu ruvyaro rwa kane na gatanu, biraryoshe kubona abantu wabona ari impinja baza kukwereka abana babo."

Imuhira naho umutima uri

Iruhande y'abana biwe babiri, Elsie afise abuzukuru batanu hamwe n'abuzukuruza babiri.

Uwuri hafi cane aba ku birometero 150 ahitwa Ponca muri Nebraska, abandi bagiye kuba Arizona no muri Hollande.

Monowi ni agahinga ka nyaganande

Ahavuye isanamu, WILL FRANCOME

Insiguro y'isanamu, Monowi ni agahinga ka nyaganande

"Ndazi ko nshobora kuja hafi y'abana banje canke tukabana igihe cose numva ndabishaka, ariko vyonsaba kurondera abagenzi bashasha," niko avuga.

"Mu gihe ngishobora kuba hano, niho numva vyukuri nipfuza kuba, nibaza ko bigoye guhindura ingendo iyo ushaje."