Umwigeme agwanya ihohotera rishingiye ku gitsina muri Tanzaniya

Ahavuye isanamu, Our Cries
Mu gihugu ca Tanzaniya hari umwigeme amaze igihe afasha gushengeza abakora ihohotera rishingiye ku gitsina ku bigeme, haba mu miduga canke bavuye kw'ishuli.
Modesta Joseph niwe yatunganije uburyo abanyeshuli bo mu gihugu ciwe ca Tanzaniya bashobora kumenyekanishamwo amabi bakoregwa ashingiye ku gitsina.
Igihe afata iyo ngingo mu 2014, Modesta yari afise imyaka 15. We na bagenziwe bari bamaze igihe bahohotegwa bishingiye ku gitsina, baba bari mu mabisi canke bavuye kw'ishuli.

Ahavuye isanamu, Alamy
Mu gihe abanyeshuli barihishwa amahera make ugereranije n'abandi, bamwe mu bashoferi hamwe n'abarihisha muri ayo mabisi aba yuzuye cane bita "dala dala", bumva ko bafise uruhusha rwo ku bagenza ukwo bo bipfuza.
Ukwo gutanga amahera make vyatuma abarihisha bareka abo banyeshuli, bakicara no mu bibanza bigenewe abarishe amahera yose ategekanijwe.
Hari abanyeshuli basiba ivyigwa bimwe bimwe, bitewe n'ukurindira imodoka igihe kirekire.
"Hari igihe abarihisha badusuguma. Iyo uri muri bisi, baragukora aho bashatse hose. Bagakora ku bigeme nk'abahiga igitsina cabo," niko Madamu Joseph avuga.
"Bashobora kugusunika. Umunsi umwe, umwe mu bagenzi banje yarasunikiwe hanze n'uwurihisha bisi itanguye kugenda."
Hari abanyeshuli wasanga bakomeretse bagwanira kwinjira muri bisi.
"Abakuze barabura ico bokora"
Ivyababaza cane Madamu Joseph ni ingene abantu bakuze bifata muri ayo mabisi.
"Abantu bakuze cane bangana n'abavyeyi banje. Nta na kimwe bakora!"

Ahavuye isanamu, Alamy
Madamu Joseph yasanze ari akaryo ko gushira agashavu afise mu bikorwa, aca yinjira mu mugwi wakora inyuma y'ivyigwa wagenzugwa n'ishirahamwe "Apps and Girls".
Kuva mu 2013, iryo shirahamwe ryaraha ikarishabwenge abanyeshuli bo mu gihugu ca Tanzaniya ku kungene bokwitunganiriza imigambi.
"Baranyigishije ingene nokemura ibibazo nkoresha ubuhinga bwa mudasobwa nari maze kuronka," niko avuga.
"Nafashe ingingo yo gutunganya uburyo bwotuma abanyeshuli bashikana imbere ihohotera bakoregwa n'abatoza amahera hamwe n'abashoferi."
Haheze amezi aja muri ivyo vyigwa vy'ikarishabwenge, Madamu Joseph yatanguje "Our Cries" (Amaborogo Yacu), igikoresho kikongera kikaba n'imbuga ngurukanabumenyi, bifasha abanyeshuli kuvuga amabi yabashikiye, akoresheje amahera yari yatsindiye mw'ihiganwa ryari ryafashwe mu mugongo na leta.
Abanyeshuli badashobora kuronka umuhora wa "internet" bashobora kurungika ubutumwa mu dusandugu dukozwe mu mbaho turi hafi y'amashuli.

Ahavuye isanamu, Our Cries
Ishirahamwe "Our Cries" ryaciye ritangura gukorana n'ikigo c'igihugu ca Tanzaniya, SUMATRA, kigenzura ukwunguruza abantu n'ibintu, gikorana n'igipolisi kugira ngo ibirego vyose bitanzwe na Our Cries bikurikiranwe.
Ivyo birego vyashobora kuba birimwo amazina y'ababishikirije canke ntibiyagire.
Muri ivyo birego bashiramwo inomero ya bisi, ibarabara yarifashe, bagasigura n'ingene ayo mabi yakozwe.
Kuva igihe ishirahamwe Our Cries ritangujwe mu 2014, rimaze kuronka ibirego biharugwa mu majana, bitewe n'udukaratasi Madamu Joseph yashize mu mabisi muri Tanzaniya hamwe n'amanama akoresha mu gutanga inyigisho y'ingene abo bigeme bakwiye kwifata mu kugwanya ayo mabi.
Madamu Joseph aranezerezwa no kubona ingene Our Cries yafashije gushika ubu.
Bamwe mu bakoresha amabisi bahohotera abanyeshuli baramenyekanye, baratangishwa amande, abandi barahanwa n'ishirahamwe SUMATRA canke igipolisi.
Ivyo vyatumye abagendera mu mabisi batangura kuvuga, niko abanyeshuli bamubwiye.
Baca bavugira hejuru iyo hagize uwutangura kubigenzako nabi.
Bagira bati: "Ntimubakoreko canke barabarega," niko avuga.
"Kwirondeza igitsina biragwiriye"
Madamu Joseph ariko arigira ivy'uburongozi mw'ishuli "African Leadership Academy" (ALA) muri Afrika Yepfo, ivyigwa bimara imyaka ibiri.
Mu karuhuko ko muci, ariko yiyumvira gutandukira intambwe ya kabiri ya Our Cries, yo gushengeza abigisha bahohotera abigeme bishingiye ku gitsina mu mashuli.
"Bamaze kumenya ko ibirego bishingiye ku gitsina bishobora kwononera ishuli, ivyo bizotuma ubutegetsi bwitaho kurusha guhasha iyo nyifato".
Yipfuza gutunganya igiharuzo kizotuma abavyeyi bamenya amashuli agwiriyeko iyo ngeso yo guhohotera bishingiye ku gitsina, munyuma bahitemwo ko bojana canke batojana abana babo kuri ayo mashuli.
Hari abanyeshuli baguma bishiramwo ko ari ibisanzwe.
Iyo avugana n'abantu bakiri bato ku bijanye n'iyo ngeso, bavuga ko ari ibintu bisanzwe, ibintu umukobwa akwiye kwitega na cane cane iyo afise amabere manini.
"Nipfuza ko abantu bamenya kurusha kw'iyo ngeso iriho. Intego yacu nuko amabi yakozwe amenyekana, abantu bakumva icarico uguhohotera bishingiye ku gitsina, tukarondera aho bivugigwa, abanyeshuli bakumva ko bafise uburenganzira bwo gushikana imbere ayo mabi."










