Bagirizwa gufata umubikira ku nguvu

Ahavuye isanamu, AFPWest Bengal Police
Uwo mubikira afise imyaka igera kuri 70, yabanje kuvurwa kubera ingaruka z'uko gufatwa ku nguvu mu ntango z'uku kwezi.
Umwe mu bakekwa yafatiwe iMumbai (Bombey) mu nyuma ajanwa iCalcutta, hafi y'aho icaha cabereye.
Yaramaze kurenguka imbere y'umucamanza, akaba apfunzwe vy'agateganyo mu kiringo c'iminsi 14.
Uwundi yafatiwe iCalcutta nyene, akaba yagirizwa ko yahaye indaro umurwi w'abasuma bateye ico kigo c'ababikira.
Ico gitero c'abasuma ku kigo c'ababikira cateye agashavu mu banyagihugu bagize imyiyerekano biyamiriza abategetsi bavuga ko batevye gufata ingingo.






