US: Sentare yahagaritse inyongwa ry'abapfungwa babiri kubera habuze abarashi

Sentare nkuru yo muri South Carolina/Caroline du Sud ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika yahagaritse inyongwa ry'abapfungwa babiri gushika bo nyene bihitiyemwo uburyo bashaka gupfa, hagati yo gukoresha umuyagankuba (electrocution) canke baraswe.

Itegeko rishasha riha akaryo abapfungwa baciriwe urwo gupfa guhitamwo ingene bicwa muri ubu buryo bubiri mu gihe ata binini bihari.

Ariko rero, kubera abarongoye ibohero batarashiraho umurwi w'abarashi, sentare nkuru yabaye irahagarika iri nyongwa.

Vyari bitegekanijwe ko aba bagabo babiri bapfunzwe, Brad Sigmon na Freddie Owens banyongwa muri kuno kwezi.

Aba bagabo bagiriwe n'icaha co kwica barimwe uburenganzira bwo kunyongwa hakoreshejwe inshinge - kandi ari bwo buryo bari bahisemwo - kubera abarongoye ibohero batari bafise imiti isanzwe ikoreshwa.

Ubukene bw'iyi miti bwatumye ubu buryo bwo kunyonga buhagarikwa mu kiringo c'imyaka cumi muri iyo reta.

Iri tegeko rishasha ryatanguye gushirwa mu ngiro mu kwezi guheze ryashizweho kugira ngo bakureho utunenge twari mu ryahahora twaha akaryo abapfungwa ko kudindiza inyongwa ryabo mu gihe iyo miti atayihari.

Kubera ata murwi w'abarashi wari uhari, uburyo bwonyene bwo kunyonga abaciriwe imanza zo gupfa bwari buhari muri iyo reta bwari ubwo gukoresha umuyagankuba.

Ariko abashingwamanza ba Sigmon na Owens bariyamiriza ubwo buryo, bakaba babwira sentare ko abakiriya babo bafise uburenganzira bwo gupfa hifashishijwe inshinge z'ukwica.

Bandikiye sentare nkuru ya Caroline du Sud bayisaba guhagarika iri nyongwa ry'aba bantu gushika ivyo basaba vyumvirijwe.

Ku wa gatatu, sentare yarumvise akamo kabo maze ifata ingingo iborohereza, ikavuga ko abo bapfungwa batahawe akaryo ko guhitamwo "uburyo bipfuza kunyongwamwo".

Sentare yategetse ko ata bandi bazosubira kunyongwa kugeza igihe hazoshirirwaho "inzira nyazo na poritike ijanye no kunyonga abantu hakoresheje umurwi w'abarashi".

Mu ntumbero yo gushira mu ngiro iyo ngingo ya sentare, abarongoye ibohero ry'iyo reta bavuga ko "rigiye gutunganya ibijanye na poritike ijanye n'umurwi w'abarashi".

Igisata kijejwe amabohero muri Caroline du Nord kivuga kiti: "Turiko turaraba ingene ayandi mareta akora kuri iki. Tuzoheza tumenyeshe sentare igihe tuzoba tumaze gushiraho uyo murwi w'abarashi nk'uburyo bwo kunyonga".

Caroline du Nord ni imwe mu mareta ane anyonga abaciriwe izo gupfa hifashishijwe umurwi w'abarashi. Ayandi ni Oklahoma, Mississippi na Utah.

Sigmon w'imyaka 63 yategerezwa kunyongwa kuri uyu wa gatanu. Yari amaze hafi imyaka 20 yaraciriwe urwo gupfa inyuma y'aho mu 2002 yagiriwe n'icaha co kwica abavyeyi b'umukobwa yari areheje akoresheje inkoni ikoreshwa mu rukino rwa baseball (bat/raquette).

Owens na we yategerezwa kunyongwa ku wa 25 z'uku kwa gatandatu. Uyu mugabo w'imyaka 43 yaciriwe urwo gupfa mu 1999 yagiriwe n'icaha co kwica umukozi wo mw'iduka igihe yari agiye kwiba.