Saudi Arabia: Mustafa al-Darwish yanyonzwe ku vyaha yakoze akiri umwana

Umugabo wo muri Arabia Saoudite yanyonzwe ku vyaha abaharanira agateka ka zina muntu bavuga ko yakoze agifise imyaka 17, n'aho iki gihugu cari camenyesheje ko cahagaritse igihano co gupfa ku bana.

Mustafa Hashem al-Darwish yahagaritswe mu 2015 yagirijwe ivyaha bijanye n'imyiyerekano.

Abategetsi ba Arabia Saoudite bavuga ko yagiriwe n'icaha co gushinga umurwi w'iterabwoba no kugerageza guteza imigumuko akoresheje ibirwanisho.

Ariko abaharanira agateka ka zina muntu bari basavye ko inyongwa ryiwe rihagarikwa, bakavuga ko yarenganijwe.

Ishirahamwe Amnesty International hamwe na Reprieve, ishirahamwe rirwanya igihano co gupfa, avuga ko Darwish w'imyaka 26 yari yahakanye ivyo yemeye, bikavugwa ko yari yavyemeye abanje kuborezwa igufa.

Abategetsi ba Arabia Saoudite ntaco barashikiriza ku mugaragaro ku vyerekeye ibi birego.

Nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters, mu vyaha Darwish yagirijwe harimwo "gushaka guhungabanya umutekano" no "guteza indyane".

Mu vyemezo ku vyo yagirizwa harimwo isanamu "ityoza abajejwe umutekano" hamwe n'uruhara yagize mu "migumuko" irenga 10 mu 2011 na 2012.

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati wa Arabia Saoudite avuga ko al-Darwish yagerageje no kugandagura abajejwe umutekano, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru cegukira reta.

Hagati aho, inzandiko za sentare ntizerekana neza itariki n'imwe yoba yarakoreyeko ivyo vyaha, nk'uko Reuters ibivuga.

Ishirahamwe Reprieve rivuga ko umuryango wa al-Darwish utigeze umenyeshwa ivy'iri nyongwa, ko wabimenyeye ku mbuga ngurukanabumenyi.

Itangazo ry'umuryango wiwe ryasohowe na Reprieve rivuga riti: "Ni gute wonyonga umwana kubera isanamu iri muri terefone yiwe? Kuva ahagaritswe, ntitwigeze tumenya na kimwe uretse umubabaro. Ni umubabaro udashobora guhera mu muryango wose".

Asubirwamwo n'itororokanirizo ry'amakuru SPA, umushikiranganji w'intwaro yo hagati wa Arabia Saoudite avuga ko al-Darwish yanyongewe i Dammam, igisagara gitunze ibitoro kiri mu ntara yo mu buseruko.

Mu mwaka uheze, abategetsi ba Arabia Saoudite batangaje ko bahagaritse inyongwa ry'abantu bakoze ivyaha bakiri bato, ko ahubwo bazohanishwa umunyororo w'imyaka itarenga cumi.

Itegeko bwirizwa ry'umwami rivuga ko iri tegeko rishasha ryaraba kandi n'abari bakoze ivyaha imbere y'aho barindiriye kunyongwa.

Amnesty na Reprieve avuga ko urubanza rwa al-Darwish rwategerezwa kuba rwarasubiwemwo hisunzwe iri tegeko rishasha.

Aya mashirahamwe, co kimwe n'ayandi aharanira gataeka ka muntu avuga ko afise impungenge ku bijanye n'ikurikizwa ry'izi mpinduka.

Umunyamabanga w'Ubwongereza ajejwe imigenderanire, Dominic Raab, na we nyene yaragarutse ku kibazo kijanye n'izi mpinduka mu rwego rw'ubutungane igihe yari mu rugendo i Riyadh mu kwezi guheze, nk'uko bivugwa n'ibiro vy'ubunyamabanga bw'imigenderanire y'Ubwongereza.

Mu ntango z'uwu mwaka, umurwi ujejwe agateka ka zina muntu wa Arabia Saoudite wavuze ko iki gihugu kigendera ku ntwaro ya cami cagabanije "bimwe biboneka" igitigiri c'abantu baciriwe urwo gupfa mu 2020.

Hagati aho, Reprieve ivuga ko Arabia Saoudite mu mezi atandatu ya mbere y'uwu mwaka wa 2021 imaze kunyonga abantu bangana n'abanyonzwe mu mwaka wose wa 2020.