Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Saudi Arabia: Abagore n'abagabo ubu bemerewe guca mu muryango umwe wa 'restaurants'
Leta ya Arabia Saoudite itangaza ko ico gihugu kitazosubira gusaba amazu y'uburiro kugira ubwinjiriro bubiri ku bagabo n'abagore.
Imbere y'aho, hari ingingo itegeka ko abagore bari kumwe n'abana binjirira mu muryango wabo, abagabo nabo bakinjirira mu wundi.
Ayo mategeko asa n'ayariko aribagirwa buke buke, kuko wasanga amazu atari make y'uburiro n'ayandi ahurirwamwo n'abantu benshi atari akiyashira mu ngiro.
Haheze igihe hafatwa amategeko ajanye n'uguhindura ibintu mu mibereho y'abantu muri Arabia Saoudite, aherekejwe n'igingo zo guhasha abatayashigikiye.
Mu ntango z'uno mwaka, umwami yarasohoye itegeko ryemerera umukenyezi gutembera mu bihugu vyo hanze ataruhusha arinze gusaba umuntu w'igitsina-gabo.
Mu mwaka uheze, ico gihugu kandi carakuyeho itegeko ryari rimaze imyaka ishika cumi ryabuza abagore kugendesha imodokari.
Hagati aho, abarwanira agateka k'abakenyezi bavuga ko hakiri amategeko akumira abakenyezi.
Bavuga kandi ko hari abaharanira agateka k'abakenyezi babandanya bapfungwa mu gihe leta ibandanya ifata amategeko ajanye n'uguhindura ibintu mu mibereho y'abantu.
Ejo ku wa Mungu, umushikiranganji ajejwe ibisagara yatangaje ko atari ngombwa ko amazu y'uburiro agira imiryango itandukanya abagabo n'abagore.
Gushika ubu, hagati mu mazu y'uburiro hari uruhome rutandukanya abagore bari kumwe n'abana ku ruhande rumwe, abagabo bonyene ku rundi ruhande.
Kuva Mohammed bin Salman abaye igikomangoma mu 2017, yagiye afata ingingo zihindura amategeko akandamiza abanyagihugu muri ico gihugu.
Izo mpinduka zakiriwe neza n'amakungu ariko zica ziherekezwa n'ingingo z'uguhasha abatumva umugambi.
Iyicwa ry'umumenyeshamakuru yari azwi cane, Jamal Khashoggi mu 2018 mu biro vy'ubuserukizi bw'ico gihugu muri Turukiya ryariyamirijwe bikomeye n'amakungu.
Ariko abategetsi b'ibihangange kw'isi, harimwo na Donald Trump wa Amerika, babandanya bashigikiye Arabia Saoudite.
Abategetsi b'ico gihugu bavuga ko Khashoggi yishwe mu "gikorwa c'uguhiga inkozi z'ikibi".
Hagati aho, abanegura leta siko babibona, mbere n'umuhinga w'ishirahamwe ONU akaba yatangaje ko ubwo bwari "ubwicanyi ndengerabutungane".