Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Arabia Saoudite ivuga ko ishobora gufata inzira ya gisirikare kuri Irani
Umushikiranganji w'imigenderanire wa Arabia Saoudite avuga ko inzira zose zishoboka, harimwo n'iza gisirikare, inyuma y'igitero cakozwe ku bigo bibiri bicukura ibitor, igitero cagirijwe Irani.
Adel al-Jubeir yabwiye BBC ko igihugu ca Arabia Saoudite kitipfuza intambara canke ko ibintu vyunyuka, ariko y'uko Irani itegerezwa kwisigura ku bitero vya drone na misile.
Muri ino ndwi, igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika carasohoye itangazo ryashigikiwe n'Ubwongereza, Ubufaransa n'Ubudagi, aho cagiriza Irani ko ariyo yakoze ico gitero.
Irani irahakana ivyo birego.
Umurwi Houthi urwanya ubutegetsi bwa Yemen ushigikiwe na Irani, niwo wiyitiriye ico gitero.
Hagati aho, abategetsi ba Arabia Saoudite bavuga ko baravye uburemere bwaco, ico gitero cari kirengeye ubushobozi bw'uwo murwi.
Avugana n'umunyamakuru wa BBC, Lyse Doucet, ku cicaro c'ishirahamwe ONU i New York, Bwana Jubeir yavuze ati: "Twese turiko turagerageza kugira ntihabe intambara kandi ibintu ntivyunyuke. Rero tuzokwihweza inzira zose zishoboka kuri twebwe. Tuzofata ingingo hageze".
Yongeyeko ati: "Kugerageza kugarukana icuka ciza na Irani ntaco vyigeze bitanga kuri ico gihugu muri kahise, kandi turazi ko no muri kazoza ataco bizotanga".
Icuka si ciza hagati ya Irani na Arabia Saoudite. Eka si ciza kandi hagati ya Irani na Leta Zunze Ubumwe za Amerika, cane cane kuva aho Perezida Trump yiyonkoreye mu masezerano ya nukleyeri n'igihugu ca Irani mu mwaka uheze.
Ku wa gatatu, umunyamabanga wa Amerika, Mike Pompeo, yabwiye abamenyeshamakuru ko igihugu ciwe cipfuza "gutotera umuti w'ibibazo gifitaniye na Irani mu mahoro".
Umukuru w'igihugu c'Ubufaransa, Emmanuel Macron, yaragerageje guhuza Perezida Hassan Rouhani wa Irani na Perezida Donald Trump wa Amerika, ariko biba ivyo ubusa.
Bwana Rouhani yavuze ko yanse kubonana na Bwana Trump kubera ibihano yafatiye igihugu ciwe Irani.
Ati: "Umuntu yobizera gute mu gihe ubwicanyi bukorwa n'ico gihugu c'igihangange hamwe n'itoteza ririko rikorerwa imiliyoni 83 z'abanya Irani, cane cane abana n'abagore, bishimagizwa n'abategetsi ba Amerika".
"Igihugu ca Irani ntikizigera na rimwe cibagira ayo mabi canke ngo kiyarenzeko uruho rw'amazi".
Bwana Rouhani kandi yaranse n'iciyumviro c'uko yokwifotoza na Perezida Trump nk'uko uyu mukuru w'igihugu ca Amerika yabigize mu kwifotoza n'umukuru w'igihugu ca Koreya y'Uburaruko, Kim Jong-un.
Bwana Rouhani ati: "Ayo mafoto y'icibutso ni intambwe ya nyuma y'ibiganiro, siyo aza ubwa mbere".
Amerika iherutse gutangaza ko izorungika ingabo n'ibikoresho vya gisiriklare muri Arabia Saoudite mu ntumbero y'ukuyitera intege muvyo kwivuna abansi.