Mu gihe Amerika iriko irungika izindi ngabo, Irani isaba ingabo mvamahanga kutegera ikigobe c’abarabu

Umukuru w'igihugu ca Irani aragabisha ko ingabo mvamahanga zihungabanya ikigobe c'Abarabu, inyuma y'aho Amerika imenyeshereje ko igiye kurungika ingabo muri ako karere.

Perezida Hassan Rouhani avuga ko ingabo mvamahanga zamye "zitera umubabaro n'ubukene".

Amerika ivuga ko igiye kurungika izindi ngabo mu gihugu ca Arabia Saoudite inyuma y'igitero giherutse kuba ku bigo bicukura igitoro, ivyo bihugu vyompi bikaba vyagirije Irani ko ari yo yagikoze.

Uno mwaka kuva utanguye waranzwe n'icuka kibi hagati ya Amerika na Irani, kuva aho Perezida Donald Trump wa Amerika afatiye ingingo y'ukwiyonkora mu masezerano yasaba Irani guheba umugambi w'uguhingura ibirwanisho vy'ubumara, nayo igatezurirwa ibihano yafatiwe.

Ibintu vyagiye gusubira kwunyuka igihe habereye ibitero vya drone n'ibisasu vya misile ku bigo bicukura igitoro vy'ahitwa Abqaiq na Khurais ku wa 14 z'uku kwezi kw'icenda.

Abarwanya ubutegetsi bw'igihugu ca Yemen bitwa Houthi nibo biyitiriye ico gitero, ariko Amerika na Arabia Saoudite - umwansi wa mbere wa Irani muri ako karere - vyagiriza Irani ko ari yo yagikoze, ivyo ico gihugu ciyamiriza civuye inyuma.

Bwana Rouhani yavuze iki?

Ijambo ryiwe yarishikirije mu birori vy'ukwibuka umunsi haduka intambara hagati ya Irani na Iraki yabaye kuva mu 1980 gushika mu 1988, ibirori vyaranzwe n'amadefire y'igisirikare ku mugwa mukuru wa Irani no mu bindi bisagara vy'igihugu.

Mw'ijambo ryiwe ryaciye kumboneshakure y'ico gihugu yavuze ati: "Ingabo mvamahanga zishobora gutera ingorane n'umutekano muke ku banyagihugu bacu no mu karere kacu".

Avuga ko muri kahise zateye akaga, akazisaba kuguma iwabo.

"Nimba koko bafise umutima, ni bareke kugira akarere kacu ikiririmbiro ry'ibirwanisho … Uko muzogenda mureka kwivanga mu biraba akarere kacu n'ibihugu vyacu, niho numutekano uzogenda usasagara".

Kubera iki Amerika ishaka kurungika ingabo muri ako karere?

Ubushikiranganji bw'ukwivuna abansi bwa Amerika, Pentagon, bwatangaje ku munsi wa gatanu ko buzorungika ingabo nkeya muri Arabia Saoudite kubera yabisavye, zikazoba ahanini zigizwe n'abajejwe kurwanira mu kirere be no gukinga ibitero vya misire.

Umunyamabanga ajejwe kwivuna abansi, Mark Esper, avuga ati: "Tuzokora ibishoboka vyose kugira ngo turungike mu maguru masha ibikoresho vya gisirikare".

Iryo tangazo ryariyamirijwe cane n'igisata kijejwe gukingira ubutegetsi bwa ki isilamu, Revolutionary Guard Corps, igisata c'igisirikare ca Irani, gifatwa na Amerika nk'umurwi w'iterabwoba.

Umukuru w'ico gisata, Jenerali-Majoro Hossein Salami avuga ati: "Uwo ari we wese ashaka ko igihugu ciwe kiba ikiririmbiro ry'intambara, n'abandanye. Ariko muhagabire, agasotoro ntikazoguma ari agasotoro. Tuzokurikirana uwo ari we wese azodusotora".