Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abapfasoni barekuriwe gutwara imodoka muri Arabie Saoudite
Umwami Salman wa Arabie Saoudite yahaye uburenganzira abapfasoni bwo gutwara imodoka, bukaba buzoba bubaye ubwa mbere muri kahise k'ico gihugu.
Iyo ngingo ishitsweko inyuma y'umwanya muremure imigwi iharanira agateka k'abapfasoni yari imaze isaba ko abapfasoni borekurirwa kugendesha imodoka.
"Bapfasoni, bashingantahe, ndazi ko mwiteze kwumva ko mu minota iheze umwami yashize umukono ku ngingo iha uburenganzira abapfasoni bo mu gihugu ca Arabia Saoudite bwo kugendesha imodoka. Ibi n'ibintu bishasha kandi vyiza ku bantu bo muri iki gihugu, baba ku bapfasoni canke ku bagabo. Ubu turashobora kugira ico natwe tuvuze," ni ko Abdallah al-Mouallimi yavuze.
Avugana n'abamenyeshamakuru, umuvugizi wa Amerika, umupfasoni Heather Nauert yavuze ko bakiranye urweze iryo tangazo.
"Turanezerewe cane no kwumva iyo ngingo, ko abapfasoni bo muri Amerika barekuriwe gutwara imodoka, aha muri Amerika turabinezererewe, kandi tubona ko ari intambwe ikomeye ico gihugu guteye," ni ko Heather Nauert yavuze.
Uwuharanira agateka k'abapfasoni yigenze gupfungwa imisi 73 azira ko yanse ko abapfasoni babuzwa gutwara imodoka, yanditse ku rubuga rwiwe rwa twitter avuga ngo 'Thank you God' bisigura 'Urakoze Mana' .
Iyo ngingo izotangura kuja mu ngiro mu kwezi kwa gatandatu umwaka uza, ubu ubushikiranganji butegerezwa gutegura amategeko ajanye n'iyo ngingo.