Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Joe Ligon: Yapfunguwe amaze imyaka 68 y'igihano c'ubuzima bwose yaciriwe ari umwana
Igihe Ligon "yagwa mu ngorane" ku munsi wa gatanu ku mugoroba mu 1953, mu vy'ukuri ntiyari azi n'abantu bari kumwe. Yari yahuye n'abantu nka babiri yari azi bibayabaye hanyuma bariko baratembera mu kibano, bahumuka bandi bantu bariko baranywa.
"Dutangura gusaba abantu amafaranga kugira tugure uwundi muvinyu, mu nyuma ikintu kimwe kigenda girakwega ikindi..."
Aca amera nk'uwuhoze. Ariko aremera ko iryo joro ryarangiriye mu ntureka yo kuziburana imbugita nawe yagizemwo uruhara, intureka yaguyemwo abantu babiri abandi batandatu bagakomereka.
Ligon niwe yabaye uwa mbere mu gufatwa. Ku gituro c'abaporisi, avuga ko atabesha atashoboye kubwira abaporisi abo bari kumwe muri iryo joro.
"Na babiri nari nzi, nta mazina yabo nari nzi....nari ndabazi ku matazirano."
Ligon avuga ko yajanywe ku gituro c'igiporisi cari kure cane yo muhira iwabo muri Rodman Street aca ahagumizwa iminsi itanu, atagira uwumwunganira mu mategeko. Avuga ko yashavujwe igihe kirekire n'ingene abavyeyi biwe basubijwe inyuma igihe bagerageza kuja kumuraba.
Muri iyo ndwi, uwo muhungu ico gihe yari afise imyaka 15, yaciye yagirizwa kwica - icaha yagumye ahakana n'ubwo mu nyuma yemeye mu kiganiro na television yo muri Amerika CBS yavuze ko yazibuye imbugita umuntu ariko akarokoka kandi ko yavyicujije.
"Baciye [abaporisi] batangura kuduha inyandiko zo guterako umukono, zanshira mu caha co kwica. Jewe nta muntu nigeze nica."
Pensylviana iri mu ntara zitandatu za Amerika aho igihano co gupfungwa ubuzima bwose kidashobora gutezurirwa. Ligon yari afise urubanza rw'icaha kirabwa ku rugero, aho yemeye ivyo aregwa, hanyuma umucamanza ashinga ko yagirwa n'ivyaha bibiri ku rugero rwa mbere vyo kwica.
Uwo muyabaga ntiyari muri sentare ngo yumve ko yaciriwe gupfungwa ubuzima bwose ata gutezurirwa, ibintu bisanzwe kuko bene ivyo vyaha ico gihano arico vyakunda guhabwa ico gihe.
Ariko vyasigura ko yagiye gupfungwa atazi vyose mu biri mu gihano yaciriwe - kandi ntivyigeze bimuzamwo kubaza uwariwe wese.
Ligon avuga ati: "Sinari nzi n'ico nkwiye kubaza. Ndazi ko bigoye kwemera ariko uko kwari ukuri.
"Nari nzi ko nzopfungwa igihe, ariko sinari nzi ko nzomara ubuzima bwanje bwose mu munyororo kandi ntashobora gutezurirwa. Nta n'ubwo nari bwigere numva amajambo 'igihano c'ubuzima bwose ata gutezurirwa'.
"Vyarangoye cane mu bwana bwanje - sinashobora gusoma canke kwandika, sinari nzi no kuvuga indome zigize izina ryanje. Nari nzi ko izina ryanje ari Joe, kuko uko niko banyita aho ngeza kwibuka."
Ligon avuga yinjiye ibohero atumva neza ibiriko biraba, ariko nta bwoba yari afise. Icari kimuraje ishinga gusa kwari kuba agiye kure y'umuryango wiwe.
Nk'umupfungwa AE 4126, Ligon asa n'uwutigeze yibaza ingene igihe yari agiye gupfungwa caresha. Yabaye mu mabohero atandatu mu myaka irenga 68, aho hose akaba yaguma yifata uko ubuzima bw'ibohero bwaba bumeze.
"Batuvyura isaha 12 n'inzamba, n'ijwi, 'vyuka tubaharure, mwese, n'umwanya wo guharura'... isaha imwe n'umwanya wo gufungura, isaha zibri n'umwanya w'ibikorwa."
Ligon hari igihe yakora mu gikoni n'aho bamesera, ariko akenshi yarakubura agakoropa. Ahejeje ivyo kurya vyo ku murango, yaca asubira ku bikorwa vyiwe. Gusubira kwitaba guharurwa ku mugoroba no kurya ivyo ku mugoroba nivyo vyarangiza umunsi wiwe - ubuzima bwo mw'ibohero ahanini bwari bumeze co kimwe mu gihe hanze ibintu vyaguma bihunduka cane muri iyo myaka yose.
Yibuka ati: "Sinigeze mfata ibiyayuramutwe, sinigeze nywa mw'ibohero, nta kintu na kimwe nigeze ngira mu bituma umuntu ashobora kwicwa, sinigeze ngerageza gutoroka, nta muntu nigeze ngora.
"Nagumye nifata ruto mu buryo bwose nashobora, - kimwe mu vyo ibohero ryanyigishije mu bindi vyinshi ni ukuraba ibikuraba, kwama ugerageza gukora ibiroranye, ukirinda ingorane iyo ubona ko ari ibintu bishoboka nk'umuntu."
Amaze imyaka 53 ari muri ico gihano, Ligon yabariwe ko umushingwamanza ashaka ko babonana. Amaze guterwa intege n'urubanza rwa sentare ntahinyuzwa rwo mu 2005 rwashinze ko abana badashobora kunyongwa, Bradley S Bridge yaciye atangura kuraba ico yabona ko gishobora kuba urubanza rukomeye rwokurikira kuri ico kibazo - ko abana bari baciriwe gupfungwa ubuzima bwose ata gutezurirwa.
Ico gihe, Pensylvania yari ifise abapfunzwe nkabo 525 ari naco cari igitigiri kinini cane muri Amerika, ku bwa Bridge. Philadelphia yari ifise 325 - Ligon akaba ari we yari amaze igihe kirekire kurusha abandi ari muri ico gihano. Hanyuma arondererwa umubonano.
Bridge wo mw'ishirahamwe ry'abunganizi bo muri Pensylvania avuga ati: "Ntiyari azi ivyerekeye urwo yaciriwe.
"Nta na kimwe yari aruzi ko gushika igihe tubonaniye. Gusa biratangaje ingene atari yarigeze ata icizere, yari afise icizere cinshi, kuva mu ntango, yama yiteze ku umunsi umwe hari ikizokorwa."
Kuri Ligon, uwo mubonano wamupfunguye amaso. Bridge amaze kumwereka inyandiko yo kwunguruza ku ngingo y'urwo yari yaraciriwe, bwari ubwa mbere Ligon amenya ibijanye n'ipfungwa ryiwe.
"Niho naca mbona ko nafashwe ukutariko kuva ngihagarikwa. Nca ndigishwa ndamenya ko vyari biteye kubiri n'ibwirizwa nshingiro gucirirwa igihano [nk'umwana] kidatezurirwa."
Mu 2006, sentare ntahinyuzwa ya Amerika yashikirije ingingo ko abana bose baciriwe urubanza rwo gupfungwa ubuzima bwose bategerezwa gucirirwa urubanza gushasha.
Umwaka ukurikira, Ligon yaciye acirirwa igihano c'imyaka 35, bisigura ko yashobora guca asaba gutezurirwa bivanye n'igihe yari amaze apfunzwe. Bridge yamuhimirije kubikora ariko aramwankira.
Ligon yumva ko igihano ciwe kuva na mbere camye giteye kubiri n'ibwirizwa nshingiro, kubera iki rero yari kwemera gutezurirwa, ivyari guca bisigura ko ukwishira no kwizana kwiwe kwari kuguma kugenzurwa.
Bridge rero vyaciye biba ngombwa ko ahangana n'urubanza rwo mu 2017 amaherezo arujana muri sentare mpuzantara (federal) aho mu 2020 yarutsinze. Bridge amaze kuja Montgomery gutora Ligon ku wa 11 ukwezi kwa kabiri, yasanze uwo yahoze ari impfungwa atekanye cane bidasanzwe.
"Nari nzi ko nsanga umuntu aca agwa mu gahundwe ati 'mana yanje'. Ariko si uko yifashe. Nta kidasanzwe, nta na kimwe."
Ligon nkeka yifashe uko yari amenyereye kwifata muri iyo myaka yose: kugumiza muri we ico yibaza. Amaze ukwezi apfunguwe, aragaruka ku munsi yava mw'ibohero rya State Correctional Institution Phoenix n'urugero rwo kwibaza.
Avuga ati: "Kwari nk'ugusubira kuvuka. Kuko vyose vyari bishasha kuri jewe. - ibintu nka vyose [vyarahindutse]. Imodoka n'amazu y'amagorofa".
Imyaka 68 iheze yatwaye vyinshi Ligon.
Arazi ko yatakaje cane igihe mu kurindira ko arekurwa adatezuriwe - umwanya yari kuba yamaranye n'umuryango wiwe, abenshi kuva ico gihe ubu barapfuye. Ariko kandi, mu gihe uwo mutama w'imyaka 83 ariko agerageza kumenyera ico yari yararindiriye cane, nta migambi myinshi afise. Ahubwo, ashaka kubandanya akora ico neza kurusha ibindi.
"Nzokora ivyo namaze ubuzima bwanje nkora. Mpa akazi ko gukubura no gukoropa."