Jacob Zuma yahakanye ivyaha aregwa vy'ibiturire ku bintu vyabaye mu myaka ya 1990.

Ahavuye isanamu, EPA
Jacob Zuma yahoze atwara igihugu ca Africa y'Epfo yahakanye ivyaha aregwa vy'ibiturire mu igihe hatangura urubanza rwiwe i Pietermaritzburg.
Zuma yagirizwa ivyaha vy'amanyanga ku bijanye n'amasezerano yo kugura ibigwanisho yo mu myaka ya 1990.
Avuga ko ariko arazira urwanko rwa poritike.
Jacob zuma yagaragaye muri sentare asa n'uwufise intege nke kandi avuga buke buke.
Yahakanye ivyaha vyose aregwa uko ari 18 bijanye n'amanyanga, ibiturire, amayeri yo kutariha amakori hamwe n'amafaranga y'inkomoko mbi.
Ivyo vyaha aregwa bifatira ku bintu vyabaye haraheze imyaka irenga 20 - mu myaka ya mbere ya demokrasi muri Africa y'Epfo - no ku masezerano y'isoko rinini ry'ibigwanisho ryateye impari zikomeye cane.
Zuma n'abo bakoranye bashimika mu kwemeza ko urwo rubanza ari urwa poritike.
Koko Zuma ashimika avuga ko vyose bifatiye ku bantu barondera kumugirira nabi barimwo abansi mu mugambwe uri ku butegetsi ANC mbere no hanze yawo.
Abantu benshi bari bakinje hanze ya sentare aho muri Pietermaritzburg. Zuma aracafise abamukunda mu gihugu.
Ariko bimaze kugaragara cane ko ibiturire vyimonogoje mu kiringo c'imyaka 10 yamaze ku butegetsi, ubu abanya-Afrika y'Epfo benshi ico barindiriye akaba ari uko ubutungane bukora.










