South Africa: Ikigo ca France, Thales, kigurisha ibirwanisho ‘kigiye kuburanywa kubera ruswa’

Ahavuye isanamu, Reuters
Sentare yo muri Afrika y'Epfo yafashe ingingo yo kurengutsa ikigo c'Ubufaransa kigurisha ibirwanisho, Thales, ku birego cagirizwa ko cahaye ibiturire uwahoze arongoye iki gihugu, Jacob Zuma.
Iyi ngingo yakuyeho inzitizi ya nyuma yabuza abashikirizamanza muri ico gihugu kwitwarira Zuma ku bijanye n'amasezerano yarimwo za miriyaridi nyinshi z'amadorari yo kugura ibirwanisho mu myaka ya 1990.
Uru rubanza rwiwe aho yagirizwa ivyaha bitandatu bijanye no kurya ruswa, harimwo magendo, urudandaza ruteye kubiri n'amategeko hamwe n'inyuruza ry'amafaranga, rutegekanijwe gutangura mu kwezi kuza.
Uyu yahoze arongoye Afrika y'Epfo yagirizwa ko yasavye ibiturire iyi kompanyi Thales kugira ngo yironkere amafaranga yomufasha mu buzima bwiwe bwo kwiryohera, ibirego yamirira kure.
Mu 2005, umuhanuzi wiwe mu bijanye n'ikigega ico gihe yaragiriwe n'icaha co gusaba ibiturire, ivyatumye Zuma abogozwa mu kibanza c'icegera c'umukuru w'igihugu.
Ariko, ibi birego vya mbere kuri Zuma vyahavuye bifutwa mu buvyo bwateye impari hasigaye gato ngo amatora yo mu 2009 abe, maze bimutuma ayatsinda aba umukuru w'igihugu.
Mu kwa kabiri 2018, yahavuye atanga imihoho mu burongozi bw'ico gihugu yagirijwe ibitari bike bijanye n'ukurya ibiturire.
Ikinyamakuru Times Live gikorera ku rubuga ngurukanabumenyi gisubiramwo ibivugwa n'umucamanza Alsa Bezuidenhout, aho avuga ko hari impamvu zumvikana kandi nyazo zemeza ko Thales "yakoranye n'ikompanyi ya Schabir Shaik [yari umuhanuzi wa Zuma mu bijanye n'ikigega] mu bikorwa vy'urudandaza ruteye kubiri n'amategeko".
Thales muri Afrika y'Epfo irahakana ivyo yagirizwa. Yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko "yabonye" iyo ngingo ya sentare nkuru kandi ko iriko "iriga uru rubanza kugira ngo irabe inzira ihabwa n'amategeko yofata".










