US: Imigumiko inyuma y'aho umuporisi yiciye umwirabure Daunte Wright hafi ya Minneapolis

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igiporisi cakoresheje ivyuka bikoroza amosozi gihagarika uruja n'uruza mw'ijoro kugira gicureshe imigumuko yadutse inyuma y'aho umuporisi arasiye umwirabure mu gisagara ca Brooklyn Center, hafi ya Minneapolis muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Umuryango w'uyu musore yagandaguwe uvuga ko azwi kw'izina rya Daunte Wright, akaba afise imyaka 20.
Umukuru w'igisagara ca Brooklyn Center yaciye afata ingingo yo kubuza uruja n'uruza mu gisagara cose mu masaha y'ijoro gushika isaha cumi na zibiri z'agatondo mu masaha yo muri ako karere, asaba abanyagihugu "gutaha muhira ku mutekano wabo".
Hari icuka kibi cane muri Minneapolis mu gihe urubanza rw'uwahoze ari umupolisi yagirizwa kwica George Floyd rubandanya.
Buramatari wa Minnesota, Tim Walz avuga ko ariko arakurikiranira hafi ingene ibintu bimeze, yongera asengera umuryango wa Wright.
None ibintu bimeze gute aho vyabereye?
Ejo ku wa Mungu, abantu baharurwa mu majana bagenda baririmba izina rya Daunte Wright baciye biyegeranya hanze y'ibiro vy'igiporisi mu gisagara ca Brooklyn Center, ku birometero bike uvuye hagati mu gisagara ca Minneapolis uja mu buraruko.
Icuka kibi cadutse igihe igiporisi cashirako umwambaro wo mu gihe co kurwanya imigumuko n'igihe imodoka zibiri zashika zigaca ziterwa amabuye, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters.
Abari muri iyo myiyerekano banditse ivyandiko hasi n'ingwa bongera batsa n'amabuji, ariko igiporisi mu nyuma kikaba cabategetse kuvaho, ireresi ikerekana abo baporisi bariko batera vya vyuka bikoroza amosozi n'ama grenades yo gushwiragiza abari mu myiyerekano.
Ibinyamakuru bikorera muri ako karere bivuga ko habaye n'ibikorwa vyo gusahura mu turere tutari duke, Mike Elliott arongoye igisagara ca Brooklyn Center agaca atangaza ingingo yo kubuza uruja n'uruza aciye ku rubuga rwa Twitter.
Yanditse ati: "Dushaka ko umutekano w'abantu bose wubahirizwa. Ndasavye ko mwese muba mu mutekano kandi ndasavye ko mutaha muhira".

Ahavuye isanamu, Reuters
Bamwe mu basirikare b'igihugu ba (Minnesota National Guard) bari basanzwe bararungitswe gucungera urubanza rwa Derek Chauvin yagirizwa urupfu rwa George Floyd, barungitswe mu gisagara ca Brooklyn Center.
Brooklyn Center yugaye inyubakwa z'amashure yose ihagarika n'ivyigwa hamwe n'ibindi bikorwa kuri ayo mashure kuri uno wa mbere, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru bikorera muri ako karere.
None ni ibiki vyashikiye Daunte Wright neza na neza?
Mw'itangazo casohoye, igiporisi ca Brooklyn Center kivuga ko cahagaritse umugabo yari yarenze amategeko y'ibarabara ku muhingamo w'ejo ku wa Mungu, kandi ko yari asanzwe afise umutahe wo kumuhagarika.
Igiporisi kivuga ko abaporisi bagerageje kumuhagarika yaciye asibimra mu modoka.
Niho umwe mu baporisi yaca amurasa, ariko abandanya anyonga imodokari yiwe agenda aca ku zindi, imbere y'uko ayita ku yindi modoka. Mu nyuma niho yatangazwa ko yapfuye.

Umugore yari muri iyo modoka yakomeretse buke buke.
Igiporisi kivuga ko abo baporisi bari bambaye bafise camera zabo kandi ko na kamera y'imodoka nayo nyene yariko irakora.
Nyina wiwe Katie avuga kpo umuhungu wiwe yamuhagamaye igihe imodoka yiwe yahagarikwa akamubwira ko yahagaritswe kubera "ibimotesho vyari kuri retroviseur". Avuga ko mu nyuma yumvise uruhagarara terefone ica iracika.
"Haciye umunota, nahamagaye hanyuma umukunzi wiwe bari kumwe muri iyo modoka aca avuga ko yarashwe....umuhungu wanje yari aryamye hasi yapfuye".
Avuga ko abo baporisi basize ikiziga c'umuhungu wiwe kiryamye hasi, yongerako ati: "Nta n'umwe azotubwira na kimwe. Nta n'umwe azotuvugisha...navuze nti ndabasavye mukure ikiziga c'umuhungu wanje hasi".
Umukuru w'igisagara Elliott yavuze ko ivyabaye ari "agahomerabunwa", buramatari Walz nawe ati : "Reta yacu iragandariye uwundi mwirabure yishwe n'abajejwe kwubahiriza umutekano".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igisagara ca Minneapolis gisanzwe kirangwamwo icuka kibi inyuma y'urupfu rwa wa mwirabure George Floyd rwatumye haduka imyiyerekano mu gihugu,, ahanini yakozwe mu mahoro n'aho hari ahandi yabayemwo imigumuko, inyubakwa zimwe zimwe zirononekara.










