US: Kamera yambawe n'umuporisi yerekanye ingene uwundi mwirabure yishwe inyuma ya George Floyd

Umuporisi yariko ararasa muri ubu bwicanyi

Ahavuye isanamu, Igisata c'igiporisi cMinneapolis

Igiporisi ca Minneapolis cerekanye amashusho y'ingene abaporisi barashe bakica uwundi mwirabure, uwa mbere yishwe ari mu minwe y'igiporisi muri Amerika kuva kuri George Floyd mu kwa gatanu.

Uyu nyakwigendera, Dolal Idd, w'imyaka 23 yari yiketswe ko yari mu makosa ariho yahagarikwa n'igiporisi ku wa gatatu.

Ababibonye ubwa mbere hamwe n'igiporisi bavuga ko Idd ari we yatanguye kurasa, hanyuma abaporisi barivuna.

Igisagara ca Minneapolis caramaze amezi atari make kirangwamwo imyiyerekano inyuma y'urupfu rwa Floyd ari mu gasho k'igiporisi.

Iyi myiyerekano yarakwiragiye muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika yose aho abari muri yo biyamiriza ingene igiporisi kibakubagura.

Floyd yapfuye inyuma y'aho anigiwe n'umuporisi yamupfukamye mw'izosi mu kiringo c'iminota icenda yose.

Iyi reresi yerekana ubu bwicanyi bwabaye ku wa gatatu yagiye gushirwa ahabona mu masaha yo ku mugoroba wo ku wa kane, ikaba yafashwe na kamera yari yambawe n'umwe mu baporisi.

Yerekana imodoka z'abaporisi zizibira imodoka yera kuri station y'igitoro, hafi y'ahapfiriye George Floyd.

Imbere y'uko hatangura kuvuga amasasu harimwo ayarashwe n'aba baporisi, bumvikana baboroga ngo "hagarika imodoka yawe, shira amaboko hejuru, shira amaboko hejuru!"

Umugore yari kumwe na Idd muri iyo modoka, co kimwe n'abo baporisi nyene, ntaco babaye, nk'uko bitangazwa n'igiporisi.

Umukuru w'igiporisi i Minneapolis, Medaria Arradondo, avuga ko batoye inkoho aho ivyo vyabereye.

Ati: "Maze kuraba iyi reresi iriko irazunguruka, yerekana ko uyu muntu yari muri yo ari we yarashe ubwa mbere abaporisi akoresheje inkoho yiwe".

Bukeye bwaho, abantu, harimwo na se wa Idd, Bayle Gelle, baciye bakoranira ahabereye ubu bwicanyi, ivyatumye haba ubwoba ko hashobora kwaduka iyindi myiyerekano.

Gelle yabwiye ikinyamakuru CBS News ati: "Yari yiyicariye mu modoka, hanyuma aca araswa amasasu, ataco bamuhora".

"Kubera iki turi ng'aha?... N'ukubera ibara ry'urukoba rwacu. Ni umwirabure. Dukeneye kumenya igituma umuhungu wanje nakunda cane yarashwe akicwa".

Urupfu rwa George Floyd rwatumye haduka imigmuko mu gisagara ca Minneapolis harimwo n'ibi biro vy'abaporisi vyaturiwe, hari mu kwa gatanu 2020

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Urupfu rwa George Floyd rwatumye haduka imigmuko mu gisagara ca Minneapolis harimwo n'ibi biro vy'abaporisi vyaturiwe, hari mu kwa gatanu 2020

Umukuru w'igisagara, Jacob Frey, avuga ko yiyemeje gukurikirana ivyabaye kugira amenye ukuri hanyuma ubutungane bukore.

Mw'itangazo yasohoye yavuze ati: "Turazi ko hari umuntu yatswe ubuzima kandi ko ukwizerana hagati y'abanyagihugu n'igiporisi kwatitutse".

"Kugarukana uku kwizerana bizovana n'uko ibintu bigiye ahagaragara".

Urupfu rwa George Floyd mu kwa gatanu rwatumye haba abasaba ko igisata c'igiporisi muri ico gisagara gisubirwamwo canke mbere kigafutwa, ariko ibi ntaho vyashitse.