Covid: Biden avuga igitigiri ca 500.000 bamaze gupfa ari ''intambwe ivuna umutima''

Biden ashikiriza ijambo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Prezida Joe Biden yashikirije ijambo igihugu ubwo Amerika yarenganye igitigiri c'abantu ibihumbi amajana 500 bamaze guhitanwa n'impfu zifatiye kuri Covid, igitigiri ca mbere kinini mu bihugu vyose vyo kw'isi.

Biden yavuze ati: ''Nk'igihugu, ntidutegezwa kwemera akaga kariko karadushikira.Dutegerezwa kwanka gutimbishwa n'intuntu.''

Umukuru w'igihugu n'icegera ciwe, n'abo bubakanye,baciye bamara akanya mu gacerere hanze ya Maison Blanche(White House) mu birori vyo kwatsa buji.

Ubu abantu banduye umugera wa corona muri Amerika ni miriyoni 28,1. Naco nyene nico gitgiri ca mbere kinini kw'isi. .

Biden yavuze ati: "Uyu munsi nsavye Abanyamerika bose kwibuka. Kwibuka abo twabuze no kwibuka abo twasize inyuma", anasaba abanyamerika kugwaniriza Covid hamwe.

Biden yavyifashemwo gute kuri uwo munsi?

Prezida yategetse amabendera yose yo mu bibanza mpuzantara kuduzwa gushika hagati muri iyi minsi itanu iri imbere.

Ku ngoro y'umukuru w'igihugu, yuguruye ijambo ryiwe yerekana ko igitigiri c'Abanyamerika bamaze kwicwa na Covid kiruta abishwe mu ntambara ya mbere y'isi , intabara ya kabiri y'isi n'intambara yo muri Vietnam ubafatiye hamwe.

Yavuze ati : ''Uyu munsi vy'ukuri n'umunsi mubi, umunsi w'intambwe ivuna umutima-abantu 500.071 bamaze gupfa.''

Yabandanije ati: ''Hari aho twumva abantu bavugwa ngo Abanyamerika basanzwe. Ikintu nk'ico ntikibaho. Nta kintu cari gisanzwe kuri bo. Abantu twabuze ntibari basanzwe. Bari mu myaka myinshi y'urunganwe. Bavukiye muri Amerika, bimukiye muri Amerika. None benshi muri bo bahemye irya nyuma bonyene muri Amerika''

Umuryango urasezera isandugu irimwo se ifukishije ibendera ry'igihugu

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umuryango uriko urasezera Gregory Blanks, w'imyaka 50, yishwe na Covid mu kwa mbere muri Texas

Yafatiye ku vyamushikiye mu buzima bwiwe mu kwerekana akababaro-umugore wiwe n'umukobwa wiwe baguye mw'isanganya ry'imodoka mu 1972 hanyuma umwe mu bahungu biwe yicwa na cancer yo mu bwonko mu 2015.

At: "Ndazi ico arico kuba utari hafi iyo bishitse. Ndazi icari co iyo uhari ukabafata ibiganza; urabona ingene bakuravye hanyuma bakigira.''

"Kuri jewe, inzira yo kurwanya intuntu n'ugutora ico tugamije".

Intumbero ya Biden itandukanye n'iyo uwo yasubiriye, Donald Trump yari afise kwijijanya ingaruka z'uwo mugera kandi yabonwa nk'uwagize ikibazo ca poritike ukwambara agafukamunwa n'izindi ngingo zo kwirinda gukwirakwiza uwo mugera.

Umwanya w'agacerere

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Prezida Biden, icegera ciwe Harris, n'abo bubakanye mu mwanya w'agacerere

Ku wa 19 ukwezi kwa mbere, buca Biden atangura amabanga, yarakoze umugirwa wo kwibuka abanyamerika 400.000 bari bamaze guhitanwa n'iyo ndwara.

Umunsi wo kuri uyu wa mbere washitse haheze hafi ukwezi. Ahandi mu gisagara ca Washington, amakengeri kuri National Cathedral yavuze incuro amajana atanu, rimwe rimwe ryose ku bantu 1.000 bamaze gupfa muri iki kiza.

Ingene Covid yakoze kuri Amerika.

  • N'ubwo ibitigiri biriko biraja mu nzira nziza, abarwaye mu bitaro-n'abapfa-baracari benshi cane, nk'uko vyerekanwa n'ibiharuro vy'igereranywa.
  • Miriyoni 28.1 bamaze kwandura muri Amerika bangana incuro zibiri abo mu gihugu kiza ubwa kabiri, Ubuhindi(miriyoni 11) na Brezil (10,1), hakurikijwe ubushakashatsi bwa kaminuza ya Hopkins
  • Ariko Amerika iza ubwa cenda ku gitigiri c'abamaze gupfa ku bantu ibihumbi 100, inyuma y'ibihugu nk'Ubwongereza(UK) n'Ubutariyano
  • Abandi banyamerika ibihumbi 90 bitezwe kuba bishswe n'umugera gushika itariki imwe y'ukwezi kwa gatandatu, hakurikijwe icerekezo c'ikigo c'ubushakashatsi Institute for Health Metrics and Evaluations(HME).Mu mpera z'ukwezi kwa gatanu, umugera uzoba wica abantu 500 ku munsi-bavuye ku 2000 ubu
  • Urugero rw'abinjira ibitaro rwagumye rugabanuka ku minsi 40 ikurikirana.
  • Abantu bahabwa incanco muri rusangi ku munsi ni miriyoni 1,7 incuro zibiri ugereranije n'igihe Biden yatangura amabanga
  • Igitigiri kiguma ciyongera c'ubundi bwoko bw'umugera bushobora gutuma haba impfu nyinshi,kiguma giteye impungenge.

Dr Ashish Jha, umukuru w'igisata c'magara y'abanyagihugu kuri kaminuza ya Brown yabwiye BBC News ati :

"Haraheze umwaka ntibaza ko inusu y'umuriyoni w'abantu bashobora gutakaza ubuzima kubera iyo ndwara. Dufise ubushobozi bwinshi, dufise uburyo bwinshi…ibi vyose twari kuvyirinda,ntivyari gushika. Ariko none raba aho tugeze.''

Igihe co kubaho muri Amerika ubu cagabanutseko umwaka wuzuye kubera Covid-19,nk'uko vyavuzwe ku ndwi iheze n'ikigo ca Amerika kijejwe kurwanya no gukinga indwara.

Ico gihe cagabanutse cane mu bo mu bwoko bwa banyamuke ari nabo uwo mugera wasinzikaje cane ugereranije n'abandi.

Ibirabure bataje imyaka itatu ku gihe cabo co kubaho hagati y'ukwezi kwa mbere n'ukwa gatantatu mu 2020. Abagabo bakomoka muri Amerika y'Epfo (Hispanic) nabo batakaje imyaka 2,4 muri ico kiringo.