Kenya: Impamvu umuvyeyi yafashe ingingo yo kugurisha umwana wiwe ku mapawundi 70


Mu kwezi guheze, 'BBC Africa Eye' yarashize ahabona urudandaza ruciye kubiri n'amategeko rw'abana mu gisagara ca Nairobi muri Kenya. Igipolisi carafashe abantu indwi, babagiriza gutwara abantu. Ariko ku bapfasoni bo baja muri urwo rudandazwa vyifashe gute? Ni ikihe kintu gituma umuvyeyi agurisha umwana wiwe ku mapawundi 70?
Ubuzima bwa Adama bwari busanzwe igihe yari akiri kumwe n'abavyeyi biwe. Ni ko avuga. Amahera yari agoye kuronka, nta kundi yari afise abikika. Kandi hariho ibintu vya nkenerwa yagenda arakenera. Yaragiye kw'ishure kandi yararikunda.
Hari ibintu bimwe bimwe vyamuhagarika umutima. Hanyuma se wiwe yapfuye afise imyaka 12, nyina na we aca aramukurikira inyuma y'imyaka mike.
Ari mu kigwati abamwo mu buseruko bwa Kenya avuga ati: "Ubuzima bwari bwifashe nabi ico gihe. Vyabaye ngombwa ko mpeba ishure ntangura kwibako jenyene."
Ashikanye imyaka 22, Adama yaciye ahura n'umugabo amutera inda, ariko aca arapfa inyuma y'imisi itatu umwana wabo w'umukobwa avutse.
Ubwigunge bwiwe bwaciye bwongerekana. Yaronkeje umwana wiwe anafise n'amagara mabi gushika akire, amezi 18 yose, hanyuma atangura gukenera uburyo bukwiye bwo kugira bose bashobore kubaho. N'uko yasize umwana wiwe kwa nakuru na we afata inzira ija i Nairobi kurondera akazi.
Nakuru wiwe yamubwiye ati: "Wibuke ko ugiye kurondera ubuzima bw'umwana wawe."
Adama ashitse i Nairobi yaciye atangura kugurisha ivyamwa vyitwa 'pasteque', ariko ntivyamwinjiriza amahera akwiye, na mugenzi we babana yaciye amwiba amahera yose yari afise mu nzu.
Ubuzima mu gisagara bwari bubi cane: Arafise inkovu kw'itama, musi y'umushatsi, yavuye ku kugwana. Avuga ko abahungu bamwe bamwe bakunda kumucokoza hamwe bishika akanagwana.
Yarakoze no mu bwubatsi, aho atigeze ahembwa na rimwe, aca ava ngaho aja gukora mu kabare ko mw'ijoro, aho yasavye umukoresha wiwe kuza araha amahera akoreye nakuru wiwe yasize hagati mu gihugu.
Inyuma y'umwanya muto, Adama yaratoye amahera make kugira ngo ashobore kurondera inzu yo kubamwo.
Yararonse akandi kazi, n'umushahara mwiza ahandi hantu bariko barubaka, aca ahurirayo n'uwundi mugabo. Ko ari babiri barakundanye umwanya utari muto, aca amubwira ko yipfuza umwana.
Adama yamusavye ikintu kimwe - ko amwemereye kuzana umwana wiwe w'umukobwa bakabana, bashobora kuvyara umwana.
Yaravyemeye, gushika inda ishikane amezi atanu, Adama yarariha amahera yo gupanga n'ibindi bintu vya nkenerwa nk'imfungurwa, arindiriye akanya keza ko kuzana umwana wiwe mu gisagara. Mu nyuma uwo mugabo yaragiye ntiyagaruka.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Abapfasoni benshi barazi ingorane ugira iyo witeze kwibaruka ikibondo ata n'amahera na make ufise yo kugaburira umuntu umwe, ureke n'abantu babiri. Benshi ntibariyumvira kugurisha umwana ku muntu batazi.
Ariko ku bapfasoni benshi bafise imbanyi bari no mu bukene muri Kenya, kugurisha umwana ni yo nyishu ya nyuma kugira nawe ushobore kubaho.
Abo badadanza abantu bariha amahera make cane atangaje. Sarah yari afise imyaka 17 aho yatwara inda y'umwana wiwe agira kabiri.
Avuga ko atari afise uburyo bwo gushobora gufasha uwo mwana. Yamugurishije ku wundi mupfasoni yamuhaye amashilingi 3000 - amahera adashika idolari 20.
Yavuze ati: "Ico gihe nari nkiri muto, sinigeze nibaza ko ivyo nariko ndakora vyari bibi. Inyuma y'imyaka itanu, vyarambabaje, nca nshaka kumusubiza amahera yiwe."
Avuga ko azi abandi bapfasoni bagurishije abana babo bakiri inzoya ku mahera nkayo.
"Abakobwa benshi baragurisha abana babo kubera ingorane. Nk'iyo yirukanywe muhira na nyina wiwe kandi akenye, canke atwaye iyo nda yari akiri kw'ishure. Izo n'ingorane zikomeye ku mwana w'umwigeme afise imyaka 15 canke 16.
"Usanga abakobwa bahomba abana babo n'ibindi bintu bari bafise kubera ata muntu abereka inzira".

Kenya ni kimwe mu bihugu bifise ibiharuro biri hejuru vy'abigeme batwara imbanyi bakiri bato muri Afrika, abahinga muvyo amagara y'abantu bakaba bavuga ko ibintu vyunyutse kubera ikiza corona, abandi bapfasoni bakisanga mu buraya kubira bashobore kubaho, abandi bagata amashure.
Prudence Mutiso, umunyamategeko muvyo agateka ka zina muntu, asanzwe ari n'umuhinga mu bibazo bijanye no gukingira agateka k'abana n'abavyeyi avuga ati: "Maze kwumva inkuru nyinshi z'abigeme n'abapfasoni bari mu buzima nk'ubwo.
"Abigeme baza mu bisagara kurondera ubuzi, bagaca baja muvyo inkundo, bagatwara inda, abazibateye bagaca babihakana."
"Igihe nyene imbanyi adashoboye kuriha, nta kundi abo bapfasoni n'abigeme bategerezwa guca barondera uburyo bwo kurondera ingene babaho.
"Ivyo rero ni vyo bituma baca baja mu bantu bagura abana, kugira baronke uburyo bwo kwifashisha hamwe n'abandi bana baba bafise muhira. Ibi ntibabivugira hejuru ariko biriho."
Adama yaranyegeje inda yiwe igihe kinini gishoboka, aho yakora mu bwubatsi, gushika igihe yatangura kunanirwa kwikorera imifuko iremereye, atagishobora no kuyinyegeza. Kandi nta n'amahera yari afise yo kuriha inzu abamwo. Nyene inzu yaramwihanganiye amezi atatu, mu nyuma aca aramwirukana.
Igihe inda yari imaze amezi umunani, Adama yaciye atangura kuza arabomora inzu, akinjira mu gicugu agaca azinduka agenda mu gaturuturu.
Yavuze ati: "Ngize Imana nararonka indya. Hari igihe nanywa amazi gusa, nkasenga ngaca ndyama."

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igihe umupfasoni yisanze mu ngorane nk'izo za Adama muri Kenya, ibintu vyinshi bishobora kubatuma baja muri urwo rudandazwa. Kirazira gukorora imbanyi kiretse gusa amagara y'umuvyeyi canke y'umwana abangamiwe.
Hari kandi ukutamenya ivyerekeye irondoka rijanye n'amagara meza ku rwaruka, co kimwe n'amategeko ajanye no kujana abana mw'irerero.
Ibrahim Ali ajejwe imigambi yo gufasha muvyo amagara y'abantu agira ati: "Abapfasoni n'abigeme batwaye imbanyi batavyiteguriye, nta mfashanyo reta ibagenera. Kenshi aba bapfasoni barafatwa nabi bakanasuzugurwa, cane cane hagati mu gihugu, bigatuma bahunga, bagaca baja mu buzima butoroshe mu bisagara."
Adama ntiyigeze amenya itegeko yokurikiza ryotuma umwana wiwe abaho mu mahoro, kandi ntiyari azi ivyerekeye kureresha umwana.
Avuga ati: "Nta vyo nari nzi. Nta vyo nari narigeze numva."
Avuga ko yiyumviriye gukorora imbanyi, ariko bimwanka mu nda kubera ukwemera kwiwe. Mu nyuma araniyumvira kwiyahura.
"Nari mfise ibibazo vyinshi, naratanguye ndiyumvira ingene bimera umuntu yibiye mu mazi, abantu baba baranyibagiye."
Ariko indwi zike imbere yo kwibaruka, umuntu umwe yamujanye ku mupfasoni umwe yambaye neza yitwa Mary Auma, amusaba kudakuramwo imbanyi canke ngo yiyahure.
Mary Auma agenda avura ku nzu kunzu mu buryo butemewe n'amategeko muri karitiye ya Kayole mu gisagara ca Nairobi. Yahaye Adama amashikingi 100, amutegeka kuja kwa muganga ku musi ukurikira.

Ivuriro rya Mary Auma si ivuriro, n'ivyumba bibiri vyinyegeje inyuma y'iduka riri imbere kw'ibarabara rya Kayole. Mu nzu hariyo utubati tugaragara canke imiti yataye igihe.
Inyuma hariho ivyumba abapfasoni bavyariramwo. Auma ni ho aba hamwe n'uwumufasha, akaba agura akongera akagurisha abana, atawumukurikirana ngo amubaze uwubagura canke ibindi bintu.
Yabwiye Adama ko abashaka kugura umwana wiwe ari abavyeyi bakundana ariko batashoboye gutwara inda, kandi ko bazomutunga neza cane. Auma abwira abo bapfasoni bibungenze ko yahoze ari umuforoma, ariko nta bikoresho vyo kuvura afise, ubushobozi, canke ahantu hasa neza ho kwibarukira.
Adama aribuka uko hasa: "Aho iwe hari umwanda mwinshi, yakoresha agakebe gato ko gushiramwo amaraso, nta besani yari afise, n'igitanda cari kibi. Ariko nari nihebuye, nta kindi nari gukora."
Igihe Adama yashika aho kwa muganga, avuga Mary Auma yamuhaye ibinini bibiri atamugabishije, kugira ibise bize n'ingoga. Auma yari afise umuntu aza kugura uwo mwana kandi yashaka ko binyaruka. Ariko Adama amaze kuvyara, uwo mwana w'umuhungu yaragize ikibazo mu gatuntu, cari gikenewe ko yitabwaho vyihuta, Auma aca amubwira ngo amutware mu bitaro.
Inyuma y'indwi imwe mu bitaro, Adama yararonse uburenganzira bwo gusohoka ibitaro n'umwana w'umuhungu akomeye neza. Nyene inzu yabamwo yari yamwirukanye igihe yari afise imbanyi, yaramwemereye kugaruka aca atangura kwonsa uwo mwana. Inyuma y'igihe gito asubiriye kuja gutakambira Mary Auma, yaciye amuha ayandi mahera 100, amusaba ko yomusanga kw'ivuriro ryiwe bukeye.
"Ikindi kibondo cavutse," ubwo ni bwo butumwa Auma yarungikiye uwo muguzi wiwe, "Amashilingi 45.000 vy'ama kenya."

Mary Auma ntiyabaye agiha Adama amashilingi 45.000 angana n'amapawundi 300 - Yahaye Adama amashilingi 10.000- angana n'amapawundi 70.
Ariko Mary Auma ntiyamenye ko uwo muguzi yari yaronse ko ari umumenyeshamakuru wo mw'ibanga akorana na BBC, mu matohoza yerekeye igurishwa ry'abana.
Igihe Adama yaja kw'ivuriro umusi ukurikira, yaricaye mu cumba c'inyuma, ahendahenda umwana wiwe w'uruyoya amufise mu ntoke.
Muvyo bavugana bongoreranira, vyumvikana amubwira ko yatoye ubundi buryo, hanyuma Adama aca aramwihinduka.
Yaciye ava muri iryo vuriro uwo musi ajanye n'umwana wiwe, aca amujana mw'irerero ry'abana rya reta, aho azorererwa gushika igihe hageze ko asubira mu muryango.
BBC yarasavye Mary Auma kugira ico avuze kuri ivyo bimuvugwako ariko yaranse.
Ubu Adama afise imyaka 29, aba mu kigwati avukamwo. Biracashika akarara ubusa, Ubuzima buracamugoye. Rimwe na rimwe araronka akazi mw'ihoteli ntoyi iri hagufi ariko ntigakwiye.
Aragerageza kutanywa inzoga. Yipfuza kuzokwugurura inzu yo kudandarizamwo ibirato, akaza arakura ibirato i Nairobi, ariko iyo ndoto iri kure nk'ukwezi. Ntavugana n'umwana wiwe ariko ntiyicuza.
Avuga ati: "Sinanezerejwe no gushaka kugurisha umwana wanje, sinashatse no gukora kuri ayo mahera.
Aribuka aho yamusize mu nzu abana barererwamwo. Ni hagufi y'inzu yirukanywemwo yimirije kumwibaruka. "Ndazi ko ata kibazo c'umutekano gihari" ni ko avuga, "N'abantu bamureze ni beza."











