Inyuruzwa ry'abana muri Kenya: abantu batatu nibo bamaze guhagarikwa

Kenya

Igipolisi ca Kenya kivuga ko cashize iminwe ku murwi w'abakora ubusuma bw'abana mu gisagara ca Nairobi muri iki gihugu.

Aka kabi kagiye kumenyekana haciye igihe kirekire igisata ca BBC Africa Eye gikora amatohoza maze gishira ahabona ubu busuma bukorerwa mu bice bitari bike no mu mavuriro amwe amwe ya leta.

Abategetsi batatu bajejwe ubuvuzi mu mavuriro ya leta nibo bamaze gufatwa n'igipolisi, bikavugwa ko hari n'abandi bagihigishwa urushinge.

Nk'uko bivugwa n'umukuru w'igipolisi Hillary Mutyambai, amatohoza hamwe n'amakuru bahawe yerekana ko abarongoye ubuvuzi bafise uruhara runini muri ubu busuma bw'abana.

Abategetsi bemereye abanyagihugu ko bagiye gukomeza umutekano w'abana.

Mu kiganiro yagiranye n'abanyamakuru, umushikiranganji w'akazi n'imibano yavuze ko abafise uruhara bose muri uru rudandaza rutemewe n'amategeko - abagura n'abagurisha - bose bazotegerezwa kurengutswa imbere y'ubutungane.

Umushikiranganji Simon Chelugui avuga ko amatohoza kuri ubu bukozi bw'ikibi abandanya.

Insiguro ya video, Itohoza rya BBC: Ubusuma bw'abana muri Kenya

Yavuze ko ari ngombwa gukomeza ibikorwa vyo gucungera umutekano w'abana, ko "leta idashobora kwihanganira aka kabi kabishe".

BBC Africa Eye yarashoboye kwinjira muri iyo mirwi y'inkorabara, iribonera ingene abana bibwa ba nyina babo badafise aho baba, maze bakagurishwa hanze ku madorari 450 y'amanyamerika. Umwana w'umuhungu ashobora kugurishwa ku ma dorari y'abanyamerika 3000.

Hari kandi abana bavuka bagaca bagurishwa mu mavuriro atemewe n'amategeko, hamwe n'abana batawe n'ababavyaye bagurishwa n'abajejwe amagara y'abantu mu bitaro Mama Lucy Kibaki i Nairobi. Ubuyobozi bw'ibitaro ntaco buravuga kuri bino birego.