Burundi: Abapolisi 19 birukanywe bagirizwa kurya ibiturire n'ubusuma

Bamwe muri abo bapolisi basanzwe bapfungiwe mu ntara ya Bubanza bagirizwa gukora ububisha mu gisagara ca Bujumbura

Ahavuye isanamu, MIDCSP

Insiguro y'isanamu, Bamwe muri abo bapolisi basanzwe bapfungiwe mu ntara ya Bubanza bagirizwa gukora ububisha mu gisagara ca Bujumbura

Abapolisi 19 harimwo intwazangabo zibiri mu Burundi birukanywe mu gipolisi bagirizwa kurya ibiturire no kwiba abanyagihugu.

Ivyo vyashikirijwe na Pierre Nkurikiye umuvugizi w'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati, iterambere rusangi n'umutekano mu gihugu, aho aho amenyesha ko hari n'abajejwe intwaro nabo nyene bafashwe muri ubwo bubisha, bose bakaba bariko barakurikiranwa n'ubutungane.

Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye aherutse gutangaza ko mu migambi nyamukuru ya leta yiwe harimwo kurwanya igiturire n'inyuruzwa ry'itunga ry'igihugu bimwe biboneka.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu, Bwana Nkurikiye yamenyesheje ko ibishikiye abo bantu ari "ubutumwa ku mupolisi wese, no ku bakozi bose bo muri buno bushikiranganji bushasha".

Amenyesha ko bariko bararondera n'uwo wese yoba yarakoranye ubwo bubisha n'abo bantu kugira ngo na we nyene ace yirukanwa mu kazi.

Bwana Nkurikiye avuga ko uwuzofatwa mu makosa nk'ayo batazomureka ngo abandanye atukisha urwego rw'igipolisi.

Agabisha abakozi bo muri ubwo bushikiranganji ko kuva ubu uwuzohirahira akarya igiturire canke akanyuruza amatungo y'igihugu atazokwihanganirwa.

Ati: "Abapolisi bose bavyumye y'uko iki ari igikorwa gitanguye kandi gica kibandanya. Umupolisi wese asubira kurya igiturire canke agakora ayandi makosa atandukanye aca afutwa".

"Mu gukubura, ubushikiranganji bwahereye mu nzu, ni ukuvuga ko buca bubandanya hanze naho".

Asaba abanyagihugu gutanga amakuru ku bapolisi no kubajejwe intwaro kugira ngo umuntu wese azoba agomba kurya igiturire no kunyonyeza ubutunzi bw'igihugu ace afatwa ubwo nyene.

Agabisha abajejwe intwaro bo mu burere bucibonekezamwo ibiyayuramutwe n'abantu bagishora umwimbu hanze, ko ibihejeje gushikira abo bapolisi n'abajejwe intwaro ari vyo bizobashikira.

Haciye iminsi mike agenywe kurongora ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n'umutekani mu gihugu, Gervais Ndirakobuca, yihutiye kugabisha abakozi b'ubwo bushikiranganji ko bokwirinda ibibatsitaza vyobatuma barya igiturire.

Yamenyesheje ko uwuzofatwa atazokwihanganirwa.

Ivyo yabimenyesheje haciye iminsi umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye amenyesheje ko agiye guhasha abarya ibiturire n'abanyuruza itunga ry'igihugu, nk'uko yabimenyesheje mw'ijambo ryiwe igihe arahiza abagize leta yiwe ku wa 30/06/2020.

Iki kibazo kandi kiri mu bibazo nyamukuru vyaganiriweko n'abashikiranganji mu mwiherero wabo waraye urangiye ku mugwa mukuru w'intara ya Ngozi.