Irahira rya Evariste Ndayishimiye, Perezida mushasha w'u Burundi

Bwana Ndashimiye abaye Perezida wa cenda kuva u Burundi bushinze intahe y'ukwikukira mu 1962.

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira

  1. Mwakoze kubana natwe…

    Turabakengurukiye mwebwe mwese twabanye mu kubashikiriza ikibiriraho irahira ry'umukuru w'igihugu mushasha w'u Burundi Jenerali Majoro Evariste Ndayishimiye.

    Hagati aho, turi ko tubategurira inkuru ijanye n’ijambo Perezida Ndayishimiye ariko arashikiriza.

    Murashobora kandi kuja ngaho munsi mukaraba ibihe bikurubikuru vyaranze uyu munsi.

  2. PDC, ADC-Ikibiri na CNARED: 'Ibikoresho vy’abakoloni' - Perezida Ndayishimiye

    Mw’ijambo ryiwe, Evariste Ndayishimiye yagarutse ku mabi yagiye ashikira u Burundi kuva mu gihe c’ubukoloni, aho yagiriza abakoloni ko ari bo bambuye iteka Abarundi, bakabagira abaja.

    Avuga ko mu Barundi hari abakoranye n’abakoloni.

    Yagarutse ku mugambwe PDC wariho mu myaka ya 1960 igihe u Burundi bwariko buharanira intahe y’ukwikukira.

    Uyo mugambwe uzwi ko wakorana n’abakoloni barondera kubandanya bapfukamye mu nda igihugu.

    Yagirije inani ADC-Ikibiri cari cashinzwe mu 2010 n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, bamwe muri bo bakaba bari bikuye mu matora yo muri uwo mwaka.

    Yagirije kandi urunani CNARED rwashinzwe n’abanyepolitike bahunze igihugu mu ndyane zo mu 2015.

    Avuga ko izo nani zariko zikorana n’abahoze ari abakoloni.

    Urunani CNARED rwagiriza leta y'Uburundi guhonyanga amasezerano y'amahoro yateweko igikumu mu 2000 i Arusha muri Tanzania.

  3. Ndayishimiye avuga ko leta ye izubahiriza agateka ka zina muntu

    Evariste Ndayishimiye

    Ahavuye isanamu, Ntare Rushatsi

    Perezida Evariste Ndayishimiye avuga ko ubutegetsi bwiwe buzoshira imbere ukwubahiriza agateka ka zina muntu.

    Ati: "Nzoshira imbere ukwubahiriza agateka ka zina muntu. Amakungu ntiyirirwe arabinsaba nk’uko babimenyereye kuko ni wo mwitwarariko wanje".

  4. Ndayishimiye: 'Gushika ubu ntituramenya inguvu ziwe' - Filip Reytjens

    Filip Reyntjens

    Ahavuye isanamu, Filip Reyntjens

    Amezi ya mbere ari imbere ni yo azokwerekana nimba ubutegetsi bwa Jenerali Majoro Evariste Ndayishimiye bwiteguriye kunagura imigenderanire y'u Burundi n'amakungu, ibi bivugwa na Filip Reytjens, umuhinga mu bijanye n'akarere k'ibiyaga binini.

    Kubw'iwe, bizovana n'ingene azovyifatamwo "mu kwugurura imiryango muri politike isa n'iyugaye kuva mu 2015".

    Bwana Ndayishimiye yashikirijwe amabanga yo kurongora igihugu kuri uyu wa kane, ni inyuma y'aho sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro risabiye ko nyakwigendera Perezida Nkurunziza asubirizwa vuba bwango.

    Mu kiganiro na BBC Gahuzamiryango, Profeseri Reytjens yibutsa ko imigenderanire y'u Burundi n'amakungu yagiye gutosekara mu 2015 igihe haduka indyane za politike bivuye ku ngingo ya Perezida Nkurunziza yo kwitoreza ikindi kiringo.

    Avuga ko Perezida Ndayishimiye ashobora gukora ibishoboka vyose kugira ngo anagure iyo migenderanire kuko icatumye itosekara ata kizoba kigihari.

    Soma ibindi kuri iyi nkuru ufyonze kuri iyi 'link':

    • Evariste Ndayishimiye - Amakungu arindiriye ubutumwa bwiwe mu migenderanire - Reytjens
  5. Evariste Ndayishimiye ahejeje kugenzura ingabo

    Evariste Ndayishimiye

    Ahavuye isanamu, Ntare Rushatsi

    Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ahejeje kugenzura ingabo inyuma y’uko sentare yubahiriza ibwirizwashingiro yakiririye indahiro yiwe ashikirije mu mwanya uheze.

    Samia Suluhu, icegera ca Perezida wa Tanzania, Kikwete wahoze ari Perezida wa Tanzania na Perezida Ndayishimiye

    Ahavuye isanamu, Ntare Rushatsi

  6. Hari ico Musenyeri yasavye Perezida Ndayishimiye

    Umuhango wo kurahira

    Ahavuye isanamu, Ntare Rushatsi

    Mu gisabisho cashikirijwe imbere y’uko arahira, Musenyeri Simon Ntamwana wa Diyoseze Gitega, yasavye Evariste Ndayishimiye, gukora ibishoboka vyose kugira ngo atahukane impunzi, yongere yugurure amarembo y’imigenderanire n’ayandi makungu.

  7. Ingingo ya 107 y'ibwirizwashingiro ritegekanya iyi ndahiro:

    Evariste Ndayishimiye

    Ahavuye isanamu, Ntare Rushatsi

    Imbere y’Imana Mushoboravyose, imbere y’Abarundi bose bo bene igihugu, jewe Ndayishimiye Evarisito w’Igihugu c’Uburundi, ndarahiye ko ntazotirigana ku Masezerano y’Ubumwe bw’Abarundi, kw’Ibwirizwashingiro rya Repubulika y’Uburundi n’ayandi mabwirizwa kandi ndemeye ko nzoharanira ntiziganya ineza y’Uburundi n’Abarundi, nkubahiriza ubumwe bw’Abarundi, amahoro n’ubutungane kuri bose. Ndemeye kurwanya ivyiyumviro n’ingendo y’ihonyabwoko n’ugukumirana, guharanira no guteza imbere agateka ka zina muntu n’ak’abenegihugu bose, no kwubahiriza imbibe n’ukwikukira kwa Repubulika y’Uburundi.

    • Evariste Ndayishimiye: Amnesty International imusaba guhindura isura mbi u Burundi bufite
    • Burundi - Evariste Ndayishimiye: Abarundi bamukeneyeko iki?
    • Burundi - Evariste Ndayishimiye: Menya umujenerali 'aciye bugufi' agiye kurahira
  8. Ahabera ibirori vyo kwimika Evariste Ndayishimiye

    Ikibuga c’umupira Ingoma co mu ntara ya Gitega

    Ahavuye isanamu, Ntare Rushatsi

    Ibirori vyo kwimika umukuru w’igihugu mushasha w'u Burundi, Evariste Ndayishimiye, biriko bibera ku kibuga c’umupira Ingoma co mu ntara ya Gitega, umugwa mukuru wa politike.

  9. Evariste Ndayishimiye n’umutambukanyi wiwe bashitse

    Evariste Ndayishimiye n’umutambukanyi wiwe

    Ahavuye isanamu, Ntare Rushatsi

    Evariste Ndayishimiye n’umutambukanyi wiwe Angeline Ndayubaha bashitse.

  10. Coronavirus

    Abitabiriye kurahira kwa Evariste Ndayishimiye

    Ahavuye isanamu, Ntare Rushatsi

    Ibirori vyo kwimikwa bibaye mu gihe u Burundi nabwo nyene burangwamwo ca kiza coronavirus gihanze isi.

    Kiretse bamwe mu batumire bahari bambaye twa dupfukamunwa two kwikingira, isinzi ry’abantu bitavye ivyo birori nta two bambaye.

    Hagati aho, ishirahamwe Croix-Rouge ryategekanije ibikoresho vyo gukarabisha abo bose binjiye mu kibanza c’ibirori.

    Nta washobora kwinjira adakaravye canke asigwe wa muti wica imigera.

    Abakozi b’iryo shirahamwe bagerageje guhimiriza abinjiye muri ivyo birori gukurikiza ya ngingo yo kutegerana, ariko biragoye, bisa n’ibitakurikijwe.

    Kugeza ubu mu Burundi abanduye ni 104, umwe yaramwishe.

  11. Ibirori vyatanguye

    Abitabiriye kurahira kwa Evariste Ndayishimiye

    Ahavuye isanamu, Ntare Rushatsi

    Ibirori vyo kwimika umukuru w’igihugu mushasha w'u Burundi, Evariste Ndayishimiye, biriko bibera ku kibuga c’umupira Ingoma co mu ntara ya Gitega, umugwa mukuru wa politike, bikaba vyatangujwe n’ikarashishi y’intwaramiheto hamwe n’utugenegene.

    Abanyagihugu ibihumbi bambaye amashati y’ibitenge bari kuri ico kibuga aho barindiranye igishika cinshi umushitsi mukuru Bwana Ndayishimiye.

    Ntabwo hitezwe abakuru b’ibihugu baza muri ibi birori canke abandi benshi bavuye mu makungu kubera ikiza ca coronavirus.

    Abashitsi batandukanye barwiriyemwo abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi bariko barashika.

    Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ca Tanzania Samia Suluhu be na Jakaya Mrisho Kikwete yahoze arongoye ico gihugu bamaze gushika.

    Abandi bashitsi bashitse ni abashikiranganji b’imigenderanire b’ibihugu vya Guinée équatoriale hamwe na Congo Brazaville n’intumwa ya Perezida wa Misiri.

  12. Kahise k'abakuru b'igihugu mu Burundi: Ingene bakurakuranywe

    Kahise k'abakuru b'igihugu mu Burundi
  13. Mwiriwe neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho mu buryo bwa 'live' umuhango wo kurahira kwa Evariste Ndayishimiye nka Perezida mushasha w'u Burundi.