Mw’ijambo ryiwe, Evariste Ndayishimiye yagarutse ku mabi yagiye ashikira u Burundi kuva mu gihe c’ubukoloni, aho yagiriza abakoloni ko ari bo bambuye iteka Abarundi, bakabagira abaja.
Avuga ko mu Barundi hari abakoranye n’abakoloni.
Yagarutse ku mugambwe PDC wariho mu myaka ya 1960 igihe u Burundi bwariko buharanira intahe y’ukwikukira.
Uyo mugambwe uzwi ko wakorana n’abakoloni barondera kubandanya bapfukamye mu nda igihugu.
Yagirije inani ADC-Ikibiri cari cashinzwe mu 2010 n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, bamwe muri bo bakaba bari bikuye mu matora yo muri uwo mwaka.
Yagirije kandi urunani CNARED rwashinzwe n’abanyepolitike bahunze igihugu mu ndyane zo mu 2015.
Avuga ko izo nani zariko zikorana n’abahoze ari abakoloni.
Urunani CNARED rwagiriza leta y'Uburundi guhonyanga amasezerano y'amahoro yateweko igikumu mu 2000 i Arusha muri Tanzania.