Coronavirus: Perezida wa Malawi yemeye gukata ibice 10% vy’umushahara wiwe

Ahavuye isanamu, Reuters
Umukuru w'igihugu ca Malawi hamwe n'abashikiranganji bose ba leta yiwe bemeye gutanga ibice 10% vy'imishahara mu kigoro ko kwegeranya uburyo bwo guhangana na coronavirus.
Perezida Peter Mutharika yamenyesheje ivyo mu gihe yariko atangaza umugambi wo kwegeranya uburyo mu ntumbero yo kugabanya inkurikizi zishobora kwibonekeza ku butunzi bw'ico gihugu.
Malawi yatangaje umuntu wa mbere yanduye coronavirus ku wa kane, kikaba cari kimwe mu bihugu vyari vyaragiriwe ubuntu.
Ico gihugu gisanzwe kiri mu bihugu bikenye kw'isi catangaje ko cinjiye mu bihe bidasanzwe.
Nta ngingo zo gutegeka abanyagihugu kuguma mu ngo zabo ariko amashure arugaye, kandi leta isaba abantu gukorera mu ngo zabo, be no kwama bakaraba igihe cose, bakirinda no kwegerana.
Amahuriro yose ashobora gukoranya abantu barenga ijana, nk'ugushingura abapfuye, imisa hamwe n'amahwaniro ya politike, vyarahagaritswe.


Perezida Mutharika asanzwe ahembwa umushahara ungana n'amadolari 3600 y'aabanyamerika ku kwezi, ariko nta gitigiri catanzwe c'amafaranga azokwegeranywa.
Urudandazwa rw''itabi ruzobandanya ica kera
Ni mu ntumbero nyene yo kwegeranya ubwo buryo Perezida Mutharika yatangaje n'izindi ngingo zo kugabanya amakori, ibiciro vy'ibitoro hamwe no kuduza agahembo k'abakozi bo mu gisata c'amagara y'abantu, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters.
Yamenyesheje kandi ko abakozi bandi bo mu gisata c'amagara y'abantu bangana 2000 bashobora guhabwa akazi.
Itabi ni co giterwa gikuru Malawi ishorera hanze, akaba yavuze ko isoko ryaco rizobandanya ukuri kwamye kugira ngo igihugu kironke amafaranga mvamakungu kandi n'abarimyi ntibahave bahomba, nk'uko bivugwa na Reuters.
Abantu bane batangajwe ko banduye coronavirus bose bafitanije ibisanira n'abantu baheruka mu ngendo mu Bwongereza.
Bwana Mutharika w'imyaka 79 yashitse ku butegetsi mu 2014. Amatora yari yari yamutumye atsindira kurongora ico gihugu mu kindi kiringo mu mwaka uheze yarafuswe mu kwa kabiri kw'uyu mwaka kubera basanze yaranzwemwo n'utunenge twinshi.
Ayandi matora muri ico gihugu ategekanijwe mu kw'indwi kw'uno mwaka.










