Coronavirus: Yishe umuntu wa mbere haciye amasaha makeya ivuzwe muri Botswana

Botswana

Ahavuye isanamu, Britanica Inc

Inyuma y'amasaha make gusa Botswana itangaje abantu batatu bambere banduye coronavirus, ico gihugu catangaje ko uwa mbere yishwe n'uwo mugera.

Uyo nyakwigendera yari umutamakazi akaba yagiye kumenyekana ko yishwe na coronavirus amaze gusandaba.

Icegera c'umukuru w'ico gihugu, Slumber Tsogwane, avuga ko uyo mutamakazi w'imyaka 79 yaheruka mu gihugu kibanyi ca Afrika y'Epfo, akaba yagiye kurwara atahutse.

Uyo mukenyezi yaciye ashirwa mu cumba ca wenyene mu bitaro akaba yitavye Imana haciye iminsi ine gusa.

b
Coronavirus

Bwana Tsogwane avuga ko uyo mukenyezi yashinguwe nk'umuntu yiketswe ko yanduye uwo mugera imbere n'uko inyishu z'ibipimo zisohoka.

Inyishu zagiye gusohoka ejo mu mugoroba zerekana ko yari yaranduye uwo mugera, akaba yagize uwa kane yanduye.

Ejo ku wa kabiri, Perezida Mokgweetsi Masisi yatangaje ko igihugu cinjiye mu bihe bidasanzwe, kandi ko n'abanyagihugu bagiye kuguma biyugaranye mu mazu mu kiringo c'iminsi 28.

Iyi ngingo izotangura kuja mu ngiro ejo ku wa kane itegeka ko ata muntu n'umwe yemerewe kuva mu nzu kiretse abakora ubuzi nkenerwa cane.

Gushika ejo ku wa kabiri, Botswana cari mu bihugu bike vya Afrika bitari bwatangaze ko hari abavyo banduye coronavirus harimwo Sierra Leone n'u Burundi.

Ivyo bihugu vyompi vyaraye bitangaje ko hari abantu bavyo bamaze kwandura uwo mugera, aho iyi ndwara itaravugwa ubu ni Sao Tome na Principe, Malawi, ibirwa bya Comores, Lesotho na Sudani y'Epfo.