Coronavirus: Ni ibihe bihugu vyoba bitarandura ?

Ahavuye isanamu, AFP
Ku wa 12/01/2020, amezi adashika atatu aheze - coronavirus yabarizwa mu Bushinwa honyene. Nta kindi gihugu na kimwe yari bwatorwemwo.
Ariko ku wa 13/01/2020, uwo mugera waciye utangura kurenga imbibe z'ico gihugu maze iba intango y'akaga.
Uwa mbere yatanguye kuboneka hanze y'u Bushinwa, yabonetse muri Thailand, imbere y'uko haboneka abandi mu Buyapani na Koreya y'Epfo, Leta Zunze Ubumwe za Amerika nazo zivamwo zirakurikira.
Yagenda ikwirakwira buke buke kw'isi yose.
Ubu ingene ibintu bimeze, abarenga umuliyoni kw'isi yose baramaze kwandura Covid-19.
Hagati aho, n'aho ibitigiri vy'abahitanwa n'uwo mugera bigenda vyiyongera, ibitaro navyo bikagenda vyuruza abarwayi, ubwo hoba hariho ibihugu bitarandukirwa?
Vyogutangaza, ariko inyishu ni ego.
Ishirahamwe ONU rihurikiyemwo ibihugu 193.
Gushika ku wa 02 z'uku kwa kane, ibihugu 18 ntivyari bwandukirwe na coronavirus, nk'uko vyerekanwa n'ishure kaminuza Johns Hopkins.

Ivyo bihugu 18 bitarandukirwa na covid-19 ni
Amazinga ya Komore; Kiribati; Lesotho; Amazinga ya Marshall; Micronesia; Nauru; Korea ya Ruguru; Palau; Samoa; Sao Tome et Principe; Amazinga ya Solomon; Tajikistan; Tonga; Turkmenistan; Tuvalu; Vanuatu na Yemen.

Abahinga bemeza ko bishoboka ko hari ibihugu vyoba bifise abanduye ariko bataramenyekana.
Batanga akarorero nka Koreya ya Ruguru, co kimwe na Yemen, igihugu catabaguwe n'intambara.
Hagati aho, hariho ibihugu uwo mugera utarashikamwo.
Vyinshi muri vyo bikaba ari amazinga matomato cane atagenderwa cane n'ingenzi - ikizwi ni uko mu bihugu cumi vya mbere bigenderwa n'ingenzi nke kw'isi k'uko ibiharuro vya ONU bivyerekana, indwi muri vyo nta coronavirus irabishikamwo.
Rero kubona, kubona ivyo bihugu biri kure cane y'ibindi - bisigura ko vyo nyene ubwavyo biri kure y'aho bishobora kwandurira uwo mugera, na rirya hari ingingo y'uko abantu bokwigira kure na kure kugira ngo ntibanduzanye.
Hagati aho, umukuru w'umwe muri ivyo bihugu yabwiye BBC ko Covid-19 ari ikibazo nyamukuru gihanze igihugu ciwe.
Nauru, izinga riri mw'ibahari Pasifike, riri ku birometero 320 uvuye ku mukapa w'igihugu kiri hafi yaryo, ico naco kikaba ari izinga rya Banaba ryegukira amazinga ya Kiribati. Igisagara gikomeye kiri hafi y'iryo zinga ni Brisbane muri Autralia kiri ku birometero 4023.36.
Nico gihugu kigira kabiri gito cane kw'isi kiri mw'ishirahamwe ONU (inyuma ya Monaco), kikaba gifise abantu barenga gato 10.000, kikaba kigira kabiri mu bihugu bifise abantu bake cane kw'isi (inyuma ya Tuvalu).
Kiri kandi mu bihugu bigenderwa n'ingenzi nke cane kw'isi.
Ufise kuba wibaza ko ibihugu nk'ivyo biri kure cane y'ibindi bitoba bikeneye kwikingira gusumba.
Ariko nk'igihugu gifise inyubakwa imwe gusa y'ibitaro, navyo nyene bidafise ibikoresho bikwiye, mbere kikaba gikenye n'abaganga, nticoreka gufata ingingo ruhasha kugira ngo zikingire zitaronerwa.
- Ku wa 02 z'ukwa gatatu, carafashe ingingo yo guhagarika kwakira ingenzi zivuye mu Bushinwa, Koreya y'Epfo, n'Ubutaliyano. Haciye iminsi tanu, congerako na Irani.
- Hagati muri uko kwezi nyene, kompanyi y'indege, Nauru Airlines yarahagaritse ingendo zose zija Fiji, Kiribati, no mu mazinga ya Marshall, inagabanya ingendo zija mu gisagara ca Brisbane, kuva kuri zitatu mu ndwi gushika kuri imwe mu ndwi zibiri.
- Inyuma y'aho, abantu bose binjira bavuye muri Australia (cane cane nk'ababa batashe), bose bashikizwa mu vyumba vya bonyene mu mahoteri mu kiringo c'iminsi 14.
- Hanyuma, n'aho ari bake binjiye muri iki gihe, umuntu uwo ari we wese asaba ubuhungiro, ategerezwa gushirwa ukwa wenyene n'imiburiburi indwi zibiri.
Izo ngingo, nk'uko zivugwa n'umukuru w'ico gihugu Lionel Aingimea, zitwa "zibira utaronerwa".
Ati: "Tuzibirira ku mupaka. Ikibuga c'indege nico gikoreshwa nk'umupaka".
Abashizwe ukwabo bama bapimwa umunsi ku munsi.
Iyo hagize uwubonekako ubushuhe, aca yigizwa kure gusumba kugira ngo apimwe ko adafise Covid-19.
Ibipimo vyose twafashe, twabirungitse muri Australia, bikaba vyagarutse vyerekana ko ata wanduye.
N'aho bazi ko bari mu ngorane, abanyagihugu basanzwe ba Nauru "baratekanye", nk'uko bivugwa n'umukuru w'ico gihugu. Kubw'iwe, arashima cane ingene ibindi bihugu bimufasha - cane cane Australia na Taiwan - ariko kandi akishimikiza n'ijambo ry'Imana.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ati: "Igihe dufata izi ngingo twise zibira utaronerwa, naciye niyegereza Imana, nayo impa umurongo wa Bibiliya nagumije cane ku mutima, uwo nawo ukaba ari Zaburi 147, 13-14. Ico cantumye nkomeza urugendo n'aho duca - nk'uko Bibiliya ibivuga - mu nzira y'urupfu".
Hanyuma n'aho agerageza kwigiza ico kiza kure ya Nauru, arazi ko ibindi bice vy'isi bidafise ayo mahirwe.
Ati: "Igihe cose turavye ikarata yerekana Covid-19, bisa n'uko isi yatewe n'akaranda k'agasama - ibice vyose vyaranduye".
Nauru sico gihugu conyene kiri mw'ibahari Pasifike cafashe ingingo zo kwikingira kitaraterwa - Kiribati, Tonga, Vanuatu, n'ibindi, navyo nyene vyariteguye. Abahinga bavuga ko ingingo vyafashe zabifashije kuzibira bitaraterwa.
Hariho kandi n'ibindi bihugu bidakikijwe n'amazi vyari vyashoboye kuzibira coronavirus.
Akarorero ni nka Malawi, igihugu co muri Afrika, kitanafise umuhora ushika kw'ibahari, kikaba gifise imiliyoni 18 z'abantu, aho umuntu wa mbere yatangajwe ko yanduye yagiye gutangazwa ku wa kane igenekerezo rya 02 z'uku kwa kane. Ariko cari citeguriye ico kiza.
Ico gihugu caciye gitangaza ko kiri mu "bihe bidasanzwe", amashure arugarwa, maze kinahagarika za murekarengane (visas) zari zatanzwe imbere ya 20 z'ukwa gatatu.
Hamande y'izo ngingo, carongereje n'ibikorwa vyo gupima uwo mugera.
Nk'uko bivugwa na Dr Peter MacPherson, umuhinga mu vyo amagara y'abantu asanzwe akorera muri Malawi, indwi hafi zibiri bamaze bitegura zarafashije cane kandi arizeye ko Malawi izoshobora kurwanya uwo mugera.
Malawi nk'igihugu giherutse gutangaza ko camaze kwandukirwa, coba ari co ca nyuma?
Dr MacPherson avuga ko hari ibimenyetso vyerekana ko uwo mugera uziruhira gushika mu bihugu vyose.
Abahinga babona ko ingingo zo kuzibira, nk'izafashwe n'igihugu ca Nauru, zishobora gufasha cane, ariko y'uko bigoye ko zizoshobora kuzibira burundu ico kiza muri kino gihe ubuhinga bwatumye isi iba nto cane.










