Burundi: Abari bapfungiwe kwiyamiriza gukata amahera abigisha barekuwe

Umwigisha ariko arigisha mw'ishure

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, CNIDH imenyesha ko umushahara w'umukozi wubashwe cane kandi ata n'umwe afise ububasha bwo kuwukurako ifranga na rimwe nyene amafranga atavyemeye

Umugwi wigenga w'igihugu ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi CNIDH umenyesha ko abanywanyi 3 b'amashirahamwe y'abigisha SYGEPEBU, na CEPEDUC, bahora bafunzwe barekuwe kuri uyu wa kabiri.

Bibaye inyuma y'uko CNIDH yemeye guhuza ayo masendika 2 n'abayobozi b'ihwaniro ry'amasendika 6 y'abigisha bise COSSESONA ku kibazo c'ukwo ubushikiranganji bujejwe abakozi bwakuye amafranga ku mishahara yabo ku gahato.

Mu rwandiko rwashizwe ahabona, umugwi wigenga w'igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH umenyesha ko umushahara w'umukozi wubashwe cane kandi ata n'umwe afise ububasha bwo kuwukurako ifranga na rimwe nyene amafranga atavyemeye.

Uyo mugwi uvuga ko ugukura amafranga ku mishahara biteye kubiri n'amategeko y'igihugu n'ayandi mpuzamkungu agenga abakozi.

CNIDH isaba umugwi w'igihugu ujejwe kuganira ku bibazo vy'abakozi kutisuka mw'itunganywa ry'uburyo bw'ihwaniro ry'amasendika ahurikiye muri COSSESONA kugira iryo hwaniro rigume ryigenga.

Abarongoye ama sendika SYGEPEBU na SEPEDUC bari bapfunzwe kuva ku wa 08 z'uku kwezi inyuma y'aho biyamirije iyo ngingo ya COSSESONA bavuga ko abayirongoye bashaka kwiba abigisha izuba riva.

Emmanuel Mashandari, icegera c'urunani COSSESONA yari yabwiye BBC ko ingingo yo gukata abigisha bose yafashwe mu nama yabereye mu Kayanza mu 2017, ariko abo bigisha bavuga ko bitategerezwa kuguma biba.