Vyahora bizwi ko abanyeshure ari bo biba ikibazo, ariko none umukuru w'ishure nawe?

Benjamin Manirambona, arongoye ishure rya Lycee Technique Buterere riri i Bujumbura, yafashwe yambaye impuzu z'ishure ariko arakora ikibazo ca reta gitanga uburenganzira bwo kwinjira muri Kaminuza mu Burundi.
Uwo muyobozi yafatiwe kuri Lycee du Lac Tanganyika ariko arakora ikibazo ca Electronique, kikaba cari ica nyuma kuko ivyo bibazo vyarangira uyu musi nyene.
Haciye hashika abategetsi bo mu bushikiranganji bw'indero, harimwo n'umushikiranganji Janviere Ndirahisha.
Bari bamenye ko Benjamin Manirambona yihinduye umunyeshure kuko yafashwe ari ho bari hamwe n'igipolisi, eka mbere n'abamenyeshamakuru.
Uwo muyobozi yavuze ko yariko arakorera ikibazo umusirikare ari mu butumwa mu gihugu ca Somalia, ngo yari yamwemereye "agafanta".
Uretse uyo muyobozi, hafashwe kandi abandi abanyeshure bane, harimwo uwurongoye abanyeshure hamwe n'uwahuje uwo muyobozi n'uwo musirikare.

Binugwanugwa ko no mu mwaka uze Benjamin Manirakiza yakoreye uwundi munyeshure ataramenyekana ico kibazo gitanga uburenganzira bwo kuja muri Kaminuza arakimara, ariko hoho amahera yarayacarukanye.
Amafoto na video vy'ifatwa rya Benjamin yahanahanywe henshi ku mbuga hwaniro, bensih bakibaza ingene ibintu nk'ivyo bishoboka.
Vyari bimenyerewe ko abanyeshure ariko bagerageza kwiba ikibazo, canke abayobozi b'ishure bakabafasha kuciba, ariko ntaho vyari bwaboneke aho umuyobozi w'ishure yihundura umunyeshure.










