Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abishe umunywanyi wa CNL wa Agathon Rwasa, baciriwe umunyororo w'uguherayo
Sentare nkuru y'igihugu mu ntara ya Muyinga yaciriye umunyororo w'ugupfungwa ubuzima bwose abantu bane bagirizwa kwica umunywanyi w'umugambwe CNL mu ntara ya Muyinga mu kwezi kw'umunani.
Mw'ijoro ryo kw'igenekerezo rya 18 ukwezi kw'umunani, abanywanyi b'umugambwe CNL utavuga rumwe na leta y'u Burundi, barategerewe n'abantu bafise imipanga, ibihiri n'amacupa babiraramwo.
Uwitwa Nsavyumwami Gregoire yarishwe abandi batari bake nabo barakomereka nk'uko vyamenyeshejwe n'abarongoye uwo mugambwe.
Mu rubanza rwasomwe kuri uyu wa kabiri hafi isaha zitandatu, abagirizwa ubwo bwicanyi bategetswe kandi gutanga indishi y'akababaro ishika 4.300.000 z'amafaranga y'amarundi.
Ico gitero cabaye mu gihe umugambwe CNL wavuga ko abanywanyi bawo babandanya bakorerwa amabi atandukanye harimwo uguhohoterwa, uguterwa ubwoba, ugupfungwa ata mategeko yubahirijwe, ugusinzikarizwa ubuzima, n'amarementanya.
CNL ivuga ko ivyashikiye abanywanyi bayo vyari bifitaniye isano n'ivyari bigize "iminsi biba irya n'ino mu gihugu vyo gushaka gusomborotsa no kwigenza ku banywanyi" b'uyo mugambwe".
Mu gihe uwo mugambwe ubandanya wugurura ingoro zawo irya n'ino mu gihugu, umenyesha ko hari ibikorwa bicafuza isura y'igihugu bibandanya bikorwa n'abadashobora kwihanganira bagenzi babo badasangiye ivyiyumviro.
Ari muri komine Buyengero mu ntara ya Rumonge mu mpera z'indwi irangiye, Agathon Rwasa arongoye uwo mugambwe yavuze ko hari abarongoye imigambwe imwe imwe babandanya batyoza abanywanyi b'iyindi migambwe.