Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umugambwe CNL mu Burundi urongowe na Agathon Rwasa usaba ko amabi uvuga ko ukorerwa ahagarara
Umugambwe CNL uriyamiriza ingendo y'ukutihanganiranira mu vya politike uvuga ko ikorwa na "bamwe bamwe mu bategetsi bo mu ntwaro n'umutekano" mu Burundi.
Ivyo nivyo biri mw'itangazo ryasohowe n'uwo mugambwe ejo ku wa gatanu i Bujumbura, ni mu gihe havugwa ko abanywanyi b'uwo mugambwe baburabuzwa irya n'ino mu gihugu.
Muri iryo tangazo ryatewe ko igikumu n'umushingamateka Simon Bizimungu, umunyamabanga mukuru w'uwo mugambwe ari nawe yarisomye, umugambwe CNL urashikiriza ivyo uvuga ko ari intambamyi zidasanzwe ugira mu bikorwa vyawo mu gihugu.
Bimwe mu bibazo abanywanyi bawo bahanganye navyo ku rubuga harimwo "kwandika ibiranga umunywanyi wese agendeye ingoro y'umugambwe ku rwego rw'igihugu, Bwana Bizimungu akavuga ko ivyo bikorwa n'abajejwe umutekano, kandi ko biteye amakenga. Eka ngo umugambwe ntazi intumbero y'izo ntonde n'iherezo ryayo.
CNL ivuga kandi ko abanywanyi bayo "bahohoterwa, baterwa ubwoba, bafatwa bagapfungwa ata mategeko yubahirijwe, bagasinzikarizwa ubuzima, eka bagakorerwa amarementanya".
Umushingamateka Bizimungu avugako umugamwe CNL "wama uriko urabuzwa uburenganzira bwo kwugurura ingoro zawo mu ntara zimwe zimwe no mu ma komine".
Hampande y'ivyo vyose, CNL iriyamiriza ingendo yo "gusibanganya ingoro zawo", umushingamateka Bizimungu akamenyesha ko iyo ngendo yibonekeje mu ma komine Muhuta mu ntara ya Rumonge, Buganda mu ntara ya Cibitoke, be no muri komine Gashikanwa, ni mu ntara ya Ngozi.
Kuri ivyo, iryo tangazo ryongera ko riti: "Uko gusibanganya ingoro z'umugambwe vyarenze urugero aho haturiwe hongera harasamburwa ingoro y'umugambwe ku rwego rw'intara ya Bujumbura iri i Nyabiraba mw'ijoro ryo ku wa 15 rishira 16 ruheshi 2019 buca yugururwa".
Ivyo biri uko mu gihe Uburundi bwitegurira amatora ategekanijwe mu mwaka uza wa 2020, amatora azotangura ku wa 20 z'ukwezi kwa gatanu nk'uko vyaraye bishikirijwe n'umukuru w'umurwi ujejwe gutuganya amatora muri ico gihugu.
Aha, umugambwe CNL ukabona ko ivyo vyose uriko urakorerwa bifise intumbero yo "kugabanya canke kwugara urubuga rwa politike bifise intumbero yo gutoteza abatavuga rumwe na reta muri rusangi, cane cane CNL".
Uwo mugambwe urongowe na Agathon Rwasa, icegera ca mbere c'umukuru w'Inama Nshingamateka, usaba reta y'Uburundi kurekura abanywanyi bawo uvuga ko bafashwe bagapfungwa "bazira ivyiyumviro vyabo vya politike".
Abajijwe n'abamenyeshamakuru igitigiri c'abapfunzwe gushika ubu mu kiganiro yagiranye nabo kuri uyu wa gatanu ku ngoro yawo i Bujumbura, umushingamateka Bizumungu avuga ko abanywanyi b'uwo mugambwe barenga 60 ari bo bapfungiwe mu busho butandukanye mu gihugu.
Bwana Bizimungu yagiriza bamwe mu batware ko bahungabanya ibikorwa vy'imigambwe yemewe n'amategeko kubera ukudatahura ibwirizwa ryerekeye imyiyerekano iba ku mugaragaro, agasaba reta ko yorikwiragiza hose.
Abarongoye umugambwe CNL basaba reta ko yohagarika ico bise "ihohoterwa rikorwa na bamwe mu bagize ama komite y'umutekano ahurikiyemwo bose".
Umugambwe CNL kandi usaba amakungu n'akarere gukurikiranira hafi uko ibintu vyifashe mu Burundi muri bino bihe.
Leta y'Uburundi ntaco irashikiriza kuri ivyo bivugwa n'umugambwe CNL uherutse kwemererwa mu kwezi kwa kabiri uno mwaka, ukaba uboneka ko uri mu migambwe ifise igihagararo kini mu gihugu.