Abarongoye intara bagiriza umugambwe CNL ko wigisha ubugarariji

Bamwe mu bategetsi b'igihugu baragiriza umugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi mu Burundi CNL ko wigisha abanywanyi bawo ubugarariji.

Mu nama yahuje ejo ku wa kane abaserukira imigambwe, bamwe mu bakuru b'intara baragirije uwo mugambwe ko wigisha abanywanyi bawo kugarariza ubutegetsi.

Umuvugizi w'uyo mugambwe, Terence Manirambona, avuga ko ivyo bagirizwa atashingiro bifise.

Muri iyo nama yateguwe n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati, ba buramatari nka bose baragirije uyo mugambwe ko utera umudugararo mu gihugu.

Haraciye iminsi uyu mugambwe uvuga ko ubomorerwa ingoro zawo hamwe na hamwe mu gihugu, abanywanyi bawo bakagirirwa nabi, eka no gusiga amazirantoke ku ngoro zawo zimwe.

Mu nama yabaye ejo, abategetsi baragirije umugambwe CNL ko ukoresha amajambo y'uguhimiriza abanywanyi bawo kugarariza ubutegetsi kandi ko ukora nk'uwuri mu myiyamamazo hataragera.

Gusotora abanywa nyi ba CNL

Hagati aho, hari bamwe bemeje ko urwaruka rw'umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi bishika bagasotora abanywanyi ba CNL.

Buramatari w'intara ya Rutana yavuze ko muri komine Gitanga y'iyo ntara, Imbonerakure zagiye kuburabuza abanywanyi ba CNL igihe bari baramutse bugurura ingoro ya CNL.

Ku ruhande rwiwe, umunyamabanga wa CNL Simon Bizimungu yavuze ko ivyo umugambwe wagirizwa ata shingiro bifise, agatangazwa n'ukubona ko CNL ifatwa nk'uko coba ari igihume.

Umuvugizi w'uwo mugambwe Terence Manirambona yabwiye BBC ko ivyo uyo mugambwe wagirijwe n'abarongoye intara nta vyemezo berekanye.

Bwana Manirambona avuga ko ahubwo gushika ubu CNL iguma iburabuzwa, akagiriza abategetsi bo mu ntara ko bashinga amategeko atabaho mu ntumbero yo kuburabuza gusa ibikorwa vyawo.

Ati: "Barafata nk'umunywanyi wacu afise igihagararo canke ico ajejwe mu mugambwe nk'indongozi bakamuremeka idosiye kugira bamupfunge gusa, ivyo navyo nta kindi bivako atari imvo za politike".

CNL ivuga ko n'ingoro zabo zibandanya zisamburwa mu gihugu n'aho abajejwe intwaro n'imigambwe bamwe bamwe bashikirije amajambo meza kandi ababikoze ntibanahanwe.

Hagati aho, Bwana Manirambona arashima ko hari abategetsi bamwe bamwe bakoresha amanama y'uguhuza abanyamigambwe mbere bakanatorera umuti ibibazo bimwe bimwe.