CNL ubu iragiriza Imbonerakure, abategetsi n'abajejwe umutekano amabi ikorerwa

Umugambwe CNL urongowe na Agathon Rwasa uriyamiriza ibikorwa bigayitse uvuga ko uriko urakorerwa n'ubutegetsi mu gihugu cose kuva wemerewe, hari mu kwezi kwa gatatu uno mwaka.

Umunyamabanga mukuru w'uyo mugambwe yagiriza urwaruka rw'Imbonerakure, abarongoye umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi, bamwe mu ntwaro na bamwe mu bajejwe umutekano, ko bahohotera abanywanyi bawo mu gihugu.

Umuvugizi w'umugambwe CNDD-FDD avuga ko ataco uwo mugambwe ushobora kwishura BBC ku biwuvugwako.

Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'umutekano we yagiriza abanywanyi ba CNL ko aribo nkwezi y'amarere, ivyo uyo mugambwe wamirira kure.

Itangazo ryateweko igikumu n'umunyamabanga mukuru wa CNL, Simon Bizimungu, ejo ku wa gatatu, rivuga ko abanywanyi b'uwo mugambwe babandanya bakorerwa amabi atandukanye.

Uvuga ko abanywanyi bawo "bahohoterwa, bagaterwa ubwoba, bafatwa bagapfungwa hadakurikijwe amategeko, bagakubagurwa bakanakorerwa amaremenkanya".

Bwana Bizimungu avuga kandi ko, hampande y'ibikorwa vy'uyo mugambwe bihagarikwa ata mvo ihari, ingoro zawo zisamburwa, izindi zigaturirwa, canke zikononwa.

Ibi bimaze kwibonekeza mu ntara za Rumonge, Cibotoke, Ngozi, Rutana, Muyinga, Bujumbura n'ahandi. Bavuga ko baharura ingoro 20 zabo zimaze kononwa.

Bwana Bizimungu avuga ko ubu hasigaye hibonekeza ibitero bikorerwa abanywanyi ba CNL babasanze mu ngo zabo, mu ngoro z'umugambwe wabo, bavuye canke bagiye mu bikorwa vy'umugambwe.

Imbonerakure n'abarongoye CNDD-FDD baragirizwa

Mu bagirizwa ayo mabi, harimwo Imbonerakure n'abarongoye umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi ku rwego rwo hasi.

Aba ngo bakora ibitandukanye n'ibishikirizwa n'abarongoye CNDD-FDD ku rwego rw'igihugu.

Ati: "Umugambwe CNL urashima amajambo meza ashikirizwa na bamwe bamwe mu barongoye umugambwe uri ku butegetsi ku rwego rwo hejuru, ariko ugatangazwa n'ingene ayo majambo ahushanye n'ibibera ku rubuga".

Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'umutekano, Petero Nkurikiye, yaragirije abanywanyi b'umugambwe CNL ko muri rusangi ari bo "bakora amakosa, bagahindukira bakavuga ko ari bo bahohoterwa".

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku munsi wa kabiri, Bwana Nkurikiye yagiriza abanywanyi ba CNL ko bakora "utunama tutajanye n'amategeko mu kinyegero, mu bubare canke mw'ijoro".

Bwana Bizimungu ariyamiriza ivyashikirijwe na Nkurikiye.

Ati: "Umugambwe CNL uriyamirije wivuye inyuma imvugo ihengamye y'umuvugizi w'ubushikiranganji bujejwe umutekano biboneka ko ifise intumbero yo guhanagura icaha no guha impigi abakorera ayo marorerwa abanywanyi ba CNL".

Asaba umugambwe uri ku butegetsi gukurikirana abanywanyi bawo cane cane urwaruka rwawo rw'imbonerakure, bakabigisha kwihanganiranira no kwiga kubana neza n'abanywanyi b'iyindi migambwe.

Umugambwe CNDD-FDD nturagira ico uvuze kuri ivyo vyagirizwa urwaruka rwawo rw'Imbonerakure n'abarongoye uyo mugambwe ku rwego rwo hasi.