Raheem Sterling yegukanye agashimwe k'umukinyi wa mbere wa Premier League mu kwezi kwa 11

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukinyi w'imbere mu mugwi Manchester City Raheem Sterling yagenywe nk'umukinyi wa mbere mwiza mw'ihiganwa Premier League ryo mu Bwongereza.
Uwo mukinyi w'imyaka 24 yinjije ibitsindo bitatu yongera afasha no mu bindi bitatu, mu nkino zitatu za City zo mu kwezi kwa 11 mw'iryo higanwa.
Bubaye ubwa kabiri uwo mukinyi w'imbere w'aba Blues atsindira ako gashimwe yaheruka kwegukana mu kwezi kwa Munani mu 2016.
Sterling yarakorewe amabi y'ikumigwa rishingiye ku koko, igihe batsindwa n'umugwi Chelsea ku kibuga Stamford Bridge, ku munsi wa Gatandatu.
Chelsea hamwe n'igipolisi bariko bakora amatohoza kuri ivyo birego, inyuma yaho abakoresha imbuga hwaniro bashiriye amashusho ya videwo y'ivyabaye mu gice ca mbere c'urukino, igihe uwo mukinyi w'Ubwongereza azomerewe agiye gutora umupira inyuma y'igori.
Sterling yaciye yishura ku munsi ukurikira avuga ko "yaciye atwenga" igihe yumvise ayo majambo y'ivangura kuberako atari yiteze "vyiza kurusha".
Ku munsi wa mbere, Chelsea yavuze ko bahagaritse abafana bane, mu gihe amatohoza abandanya.
Mw'itangazo ry'uwo mugwi bivugwa ko ni vyibonekeza ko habaye inyifato ishingiye kw'ikumira, ko hazofatwa "ibihano bikomeye birimwo uguhagarikwa".
Abakinyi babiri bakinana na Sterling, Leroy Sane na David Silva, nabo nyene bari mu bahayanigwa ako gashimwe ka Premier League.
Abandi ni umukinyi wa West Ham, Felipe Anderson, Lucas Digne wa Everton, Andrew Robertson wa Liverpool na Moussa Sissoko wa Tottenham.










