Man City yatangishijwe amande ya £50000 mu rukino na Wigan

Ahavuye isanamu, Getty Images
Manchester City yatangishijwe amande ya £50000 inyuma yaho yemereye ko itashoboye kugenzura neza abakinyi bayo mu rukino rwa FA Cup ihura na Wigan Athletic.
Imigwi yose yakurikiranywe n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru Football Association, inyuma y'ivyabaye vyatumye Fabian Delph asohogwa.
Abakinyi benshi ba City barakikuje umuhagarikizi w'urukino, Anthony Taylor, igihe Delph asohorewe yagiriye ikosa umukinyi wo hagati wa Wigan, Max Power itariki 19 z'Ukwezi kwa kabiri.
Iyo migwi yasabwe kuba yisiguye bitarenze ku munsi wa gatanu isaha 18:00, amasaha yo mu Bwongereza.
Nta mukinyi n'umwe canke umukozi azohanwa.
Ku rundi ruhande umukinyi w'imbere, Sergio Aguero yarahatswe guhanwa inyuma yaho ahakiwe gufatana mu mashati n'umurorerezi yinjiye mu kibuga.
Amashusho ya televiziyo yerekana Aguero asa n'uwusuguma uwo muntu, ariko munyuma yavuze ko yari yamututse amucirako amate.






