Mu Bufaransa integuro y'itegeko rihasha abahohotera abana

Abatunganije iyo nteguro bakanayimenyekanisha, bavuga ko hafi abavyeyi 9 kuri 10 bagihana abana mu kubakubita..

Iyo nteguro y'itegeko rihasha "guhana umwana umukubita ukanamumaramaza" rifise intumbero y'uko ubutegetsi bw'umuvyeyi budafatira ku ngimba.

Ubu iyo nteguro igiye mu nama nkenguzamateka.

Integuro y'itegeko nk'iyi yari yarigeze naho ataho yashitse, ariko ivyo bihano ku bana vyarakuwe ho mu mashure.

Abashingamateka b'aba faransa 51 nibo batoye bemeza integuro y'iryo tegeko, umwe ararihakana.

Ayo matora yabaye inyuma y'uguharira kwamaze amasaha menshi mw'ijoro.

Umushingamateka Maud Petit, niwe yatanze iyo nteguro y'ibwirizwa.

Yavuze ko intumbero y'iryo bwirizwa ihagaze ku nyigisho.

Uwo mushingamateka Maud yasiguye ko igikuru ari ugushigikira ikibano kigahindura ingene kibona ico kibazo.

Nk'uko bikorwa n'ayandi ma leta ya Bulaya, u Bufaransa burahana ihohotera ry'abana.

Ariko ubu, u Bufaransa buha burekurira abavyeyi guha indero abana babo kuva ku rugero rwo hasi.

Ku bigenga indero yo hasi, n'uguhana ihohotera ry'abana, vyarekewe sentare ngo zifate ingingo.

Abamenyeshamakuru bavuga mwen'izo ngingo zifatirwa muri sentare ku bibazo vyo mu kibano, zikunze gutera izindi mpari.

Ku ndwi iheze, abantu bane bo mu muryango umwe barahagaritswe.

Vyabaye inyuma y'uko agahungu k'imyaka icenda gakubiswe gushika aho kitaba Imana, mu gisagara ca Mulhouse kiri mu buseruko bw'u Bufaransa.

Inkuru zitangwa n'igipolisi zivuga ko uwo mwana yakubiswe inkoni y'umukubuzo, kuko yanse gukora udukorwa two kw'ishure.

Iyo nteguro y'itegeko hamwe yokwemezwa n'inama nkenguza mateka, U Bufaransa buzoba bubaye igihugu ca 55 mu guhasha ibihano bifatiye kw'ikubagura ry'abana.