Guhiganirwa kuja mu nkino z'igikombe ca Afrika 2019 mu gihugu ca Cameroun birabandanya, ariko hari abamaze kuronka itike

Ahavuye isanamu, Getty Images
Madagascar yatsindiye kuja mu nkino z'igikombe ca Afrika incuro ya mbere itsinze Guinee Equatorial igitego 1-0 i Vontovorona.
Umukinyi wo hagati akina mu gihugu ca Tailande Njiva Rakotoharimalala w'imyaka 26 ni we yatsinze ico gitego.
Ni wo mugwi wa mbere utsindiye kuja muri izo nkino za nyuma zizohuza imigwi 24 hakuba 16 nk'uko vyahora.
Mu nyuma indi migwi nka Egypt, Senegal na Tunisia na yo yatsindiye kuja muri iryo higanwa ritegekanijwe kubera muri Cameroun mu mwaka uza mu kwezi kwa gatandatu n'uko indwi.
Itsinzi ya Madagascar yatumye baronka amanota 10 mw'itsinda rya A mu gihe basigaje inkino zibiri.
Urwo rukino rwabereye i Vontovorona inyuma y'aho Madagascar iburijwe gukinira ku kibuga ca Mahamasina kiri i Antananarivo "inkino zitatu canke amezi atatu".
Ico gihano catanzwe n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ryo ku mugabane wa Afrika bivuye ku misunikano yabaye kuri ico kibuga mu kwezi kw'icenda igihe umuntu umwe yahasiga ubuzima abandi bababa 40 barakomereka.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Madagascar kibaye igihugu kigira 40 kironse uburenganzira bwo kuja mu nkino za nyuma z'igikombe ca Afrika.
Senegal na yo nyene basangiye umugwi yaronse uburenganzira bwo kuja muri izo nkino za nyuma imaze gutsinda Sudani.
Umukinyi w'umugwi wa Lorient Sidi Sarr ni we yatsinze ico gitego ku munota wa 86.










