Mohamed Salah yinjije korone mu rukino rw'igikombe ca Afrika Misri yatsinze

Ahavuye isanamu, Reuters
Mohamed Salah yinjije igiteko ateye korone ata n'umwe akoze ku mupira imbere y'uko akomereka mu rukino rw'igikombe ca Afrika aho Misri yatsinze eSwatini ibitego 4-1.
Uwo mukinyi w'imbere wa Liverpool w'imyaka 26 ni we yinjije igitego ca 4-0 bwa eSwatini imbere y'uko igice ca mbere kirangira, akoresheje ukubamfu kuri korone ata n'umwe akoze ku mupira.
Salah atari bwatsinde na rimwe mu nkino zine aherutse gukinira Liverpool, yavuye mu kibuga ari kumwe n'umuganga wa Misri inyuma yo kwikubita hasi.
Ahmed Elmohamady, Amr Warda na Mohamed 'Trezeguet' Hassan na bo binjije.
Igitsindo c'umugwi wa eSwatini na wo cinnijwe na Sibonginkhosi Gamedze hasigaye iminota itanu ngo urukino rurangire.
Ubu Misri inganya amanota na Tunisia mu mugwi J.
Umugwi wa eSwatini watsinzwe uri mu kibanza ca nyuma inyuma yo gutsindwa mu nkino zitatu zose.
Ingene zimwe mu nkino zagenze
Group B: Cameroon 1-0 Malawi
Group C: Gabon 3-0 South Sudan, Mali 0-0 Burundi
Group D: Togo 1-1 Gambia
Group H: Guinea 2-0 Rwanda, Ivory Coast 4-0 Central African Republic
Group I: Angola 4-1 Mauritania
Group J: Egypt 4-1 eSwatini
Group L: Cape Verde 3-0 Tanzania










