Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi FIFA ryemeje ko umukinyi Saido Berahino wa Stoke City ashobora gukinira Uburundi

Saido Berahino wa Stoke City agiye gukinira Uburundi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Saido Berahino wa Stoke City agiye gukinira Uburundi

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi FIFA ryemeje ko umukinyi Saido Berahino ubu akinira umwi wa Stoke City wo mu Bwongereza ashobora gukinira umugwi nserukiragihugu w'Uburundi.

Uburundi bwari bwituye FIF busaba ko uwo mukinyi akinira ico gihugu.

Mu rwandiko umunyamategeko ajejwe gufata ingingo ku gihugu canke umugwi umukinyi ategerezwa gukinira yasohoye agira ati:" Ibisabwa n'igihugu c'Uburundi ko Saido Berahino ahindura ishirahamwe ry'umupira w'amaguru yarimwo biremewe."

Rubandanya ruvuga ruti:"Saido Berahino ararekuriwe gukinira umugwi nserukiragihugu c'ishirahamwe w'igihugu giserukiwe n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru FFB kuva dushize umukono kuri uru rwandiko."

Urwandiko rwa FIFA ruha uburenganzira Saido berahino gukinira Uburundi
Insiguro y'isanamu, Urwandiko rwa FIFA ruha uburenganzira Saido berahino gukinira Uburundi

Inkuru ziva mw'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Burundi zivuga ko Ubwongereza, aho yakinye mu mugwi w'abakiri bato, na bwo bwemeye kutabera intambamyi uwo musore mu gihe yoshaka gukinira Uburundi.

Mu kwezi guheze, Saido Berahino yaragize urugendo rwo mw'ibanga rw'umusi umwe mu Burundi, aho FFB ivuga ko yari aje gutora ibimuranga vy'Uburundi harimwo ikarata karangamuntu n'igitabo c'inzira ca pasiporo.

Saido Berahino ubu akinira umugwi wa Stoke City wo mu gihugu co mu Bwongereza, uherutse kumanuka mu cicaro ca kabiri.

Binuganugwa ko ariko ararondera uwundi mugwi.