Ubushikiranganji bw'inkino bwa Angola bubabajwe n'abantu bapfiriye ku kibuga

Estádio 11 de Novembro stadium in Angola

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Iyo misunikano yabereye inyuma y'ikibuga ca Estadio 11 de Novembro ku mugwa mukuru wa Angola, i Luanda

Ubushikiranganji bw'inkino muri Angola buvuga ko bubabajwe n'abarorerezi batanu bapfuye igihe hariko haraba urukino rw'imigwi yabaye iya mbere iwabo ku musi wa gatandatu ku mugoroba.

Ivyo vyashitse i Luanda igihe umugwi wa Primeiro de Agosto wanganya 0-0 na TP Mazembe wo muri RDC mu rukino rwa mbere rw'igice ca kane gishira ica nyuma ku migwi yabaye iya mbere iwabo.

Ubushikiranganji bwavuze mw'itangazo ko bubabajwe n'urwo rupfu kandi ko abari bakomeretse indwi bamaze kuva mu bitaro.

Bwongeyeko ko hagiye gushirwaho umugwi w'amatohoza kugira hamenyekane icabiteye.

Ababibonye bavuga ko iyo misunikano yadutse igihe abarorerezi basanga umuryango umwe wo ku kibuga ca Estadio 11 de Novembro wugaye inyuma y'urukino.

Igihe abapolisi bugurura uwo muryango, abarorerezi basohokeye rimwe, bamwe rero baca bahonyangwa n'indogobwe z'igipolisi.

Mu mwaka uheze, abantu 17 barapfuye abandi barenga mirongo ibiri barakomerekera mu misunikano yo ku kibuga ca Uige kiri mu gisagara kiri mu buraruko bwa Angola.

Bishitse kandi inyuma y'indwi imwe umukunzi umwe w'inkino apfiriye muri Madagascar igihe hariko haraba urukino ruhuza Senegal n'ico gihugu rwo kurondera itike yo kuja mu gikombe ca Afrika.