Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubushinwa busaba Amerika "guhagarika amajambo n'ibikorwa vy'ububisha"
Ubushinwa bwasavye igihugu ca Amerika "guhagarika amajambo n'ibikorwa vy'ububisha" inyuma yaho Prezida Donald Trump agabishirije ico gihugu ko Amerika ishobora gushira ayandi matagise ku bidandazwa vyaco.
Prezida Trump yagabishije ko ashobora gushira ayandi matagise ku bidandazwa vy'ico gihugu yoshika ku miliyardi $200.
Yavuze ko ivyo bice 10% vy'amatagise vyoja mu ngiro igihe Ubushinwa bwoba "bwanse guhindura inyifato".
Umushikiranganji w'ubudandaji w'igihugu c'Ubushinwa (Geng Shuang) yavuze ko Ubushinwa butipfuza ingwano y'ubudandaji ariko ngo nta bwoba bufise hogira iyadutse.
Bwana Trump avuga ko Ubushinwa bumaze imyaka myinshi bwungukira ku rudandazwa rudatunganijwe ku mangane.
Ingingo za mbere Amerika imaze gufatira Ubushinwa zizotangura gushigwa mu ngiro mu kwezi kuza.
Ayo makuru yatumye amasoko y'imitahe akoroka ku mugabane wa Asia.
(Imitahe muri Shanghai na Hong Kong yakorotse ibice birenga 2%.)