Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubushinwa bwadugije amatagise ku bidandazwa vya Amerika
Ubushinwa bwashinze amakori mashasha ku bidandazwa biva muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, amakori y'amahera agera ku miliyardi zitatu z'amadolari.
Iyo ngingo nshasha ishobora gutuma haduka ingwano hagati y'Ubushinwa na Amerika ku vy'ubudandaji, nkuko ababikurikiranira hafi bavuga.
Ibidandazwa birenga 120 vya Amerika birimwo ivyuma vya "aluminium", ingurube, imivinyu n'ibindi, vyadugirijwe amakori ku bice biva kuri 15 gushika kuri 20 ku munsi wa mbere.
Umushikiranganji w'Ubushinwa ajejwe ubudandaji yavuze ko iyo ngingo yafashwe mu ntumbero yo gukingira inyungu z'igihugu, inyuma yaho Prezida Trump ashingiye amakori mashasha kuri "acier" na "aluminium".
Yavuze kw'ivyo bihugu bibiri bizokwumvikana ku bibitandukanya biciye mu biganiro.
(Umumenyeshamakuru wa BBC yavuze ko Ubushinwa bushobora kugira ingorane kurusha Amerika muri iyo ngwano y'ubudandaji mu gihe aribwo bufise ibidandazwa vyinshi.)