Ubushinwa buridogera Amerika ku nyifato yayo mu vy'ubudandaji

Ubushinwa bwagirije Amerika kutubahiriza amategeko y'ubudandaji mpuzamakungu, bugabisha ko bwiteguye kwihora.

Ico gihugu kivuga ko kitazorera amaboko uburenganzira n'inyungu zaco bihungabana.

Iryo gabisha ry'umushikiranganji w'Ubushinwa ajejwe ubudandaji rishitse hasigaye amasaha ngo Prezida Trump atangaze ayandi makori ku bidandazwa vy'Ubushinwa vyinjira muri Amerika.

Ubutegetsi bwa Beijing busubiramwo ingingo yasohowe ku munsi wa Gatatu n'ikigo kigenzura ubudandaji mpuzamakungu "World Trade Organisation" kivuga ko Washington itashize ibikenewe vyose mu ngiro ku vyo yasabwe mu 2014 vyo kudashira amakori ku bidandazwa bimwe bimwe vy'Ubushinwa.

Muri Amerika ibigo bitandukanye vy'ubudandaji vyasavye Prezida wa Amerika Donald Trump kwigarura kuri ico ciyumviro co gushira amakori mashasha ku Bushinwa, basigura ko vyozana ingaruka mbi ku miryango.

Amerika yiteguye gushinga amakori y'amahera azogera ku miliyardi $60 ku bidandazwa vy'Ubushinwa, nkuko amakuru avuga.

Ubushinwa bwavuze ko mu gihe Amerika yoshira mu ngiro uwo mugambi, ko nabwo bwomenya ingene bwihora.