Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amerika igiye guhangana n'Uburaya ku vy'amakori
Prezida wa Amerika Donald Trump yavuze ko azofata ingingo zindi zo gukingira ubutunzi bw'igihugu, igihe ibihugu vya Buraya bizoba bishinze ingingo zo kwihora ku makori agiye kuduza ku vyuma vyinjira mu gihugu ciwe.
Yagabishije ko ashobora guca ashinga amatagise mashasha ku rudandazwa rw'imiduga, avuga ko amatagise y'ibihugu vya Buraya yatumye imiduga ikoregwa muri Amerika itaronka isoko.
Bwana Trump yavuze ko yiyemeje gutorera umuti uruhombo ruri mu gisata c'ubudandaji, ariko bamwe mu bahanuzi biwe bamusaba kuvyitondera.
Ubushinwa nabwo nyene bwaridogeye ingingo ya Prezida Trump ku bijanye n'amakori mashasha.
Umwe mu bategetsi b'i Beijing yavuze ko atipfuza ingwano yo mu budandaji ariko ko azofata ingingo zikenewe igihe Amerika izoba ibangamiye ubutunzi bw'ico gihugu.