Ibitambara vy'amasahani bivyara isumu gute?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abahinga bavuga ko gukoresha ibitambara vy'amasahani (serviettes) mu buryo bwinshi butandukanye bishobora gutuma imfungugwa zijamwo isumu.
Abahinga bo kuri Kaminuza ya Ile Maurice basuzumye ibitambara 100 vyakoreshejwe ku kiringo c'ukwezi.
Basanze bishobora kuvukamwo ubumara E.coli, na cane cane ivyakoreshejwe mu buryo butandukanye nko guhanagura ivyombo, guhanagura ahantu canke kwihanagura ibiganza.
Ubwo bumara ngo bushobora kuja ku bitambara bikanye canke mu mazu bafunguyemwo inyama.
Gukoresha ivyo bitambara kenshi no mu buryo butandukanye bigwiza ugushobora kwandura imigera ishobora gutuma indya zijamwo isumu.
Leta isaba kumesa no guhindura kenshi ivyo bitambara vy'amasahani, "éponges" zo guhanagura canke ama "gants", umuntu akabireka bikuma neza imbere yuko asubira kubikoresha.
Ubwo bushakashatsi bwashikirijwe mu nama iba ku mwaka yiga ivy'imigera "American Society for Microbiology" ibera i Atlanta, mu ntara ya Georgie muri Amerika.
Ku bitambara vyakusanijwe, 49% vyatowemwo imigera yavutse, igwira iyo umuryango ari munini canke urimwo abana benshi.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ku mashantiyo 49 yatowemwo iyo migera, ibice 36.7% yari ifise iyindi migera yo mu bwoko bwa "bactéries coliformes", umugwi urimwo E. coli.
Ku yasigaye, ibice 36.7% vyarimwo imigera "enterococcus spp", ibice 14.3% navyo imigera "staphylococcus aureus".
"Bactéries coliformes" na "staphylococcus" vyatowe ku rugero runini mu bitambara vyavuye mu mazu bafunguyemwo inyama.
E.coli ni umugera usanga mu nsogi z'umuntu canke z'ibikoko. common in human and animal intestines.
Bwinshi muri ubwo bumara nta ngorane bushobora gutera ariko hakaba n'ubushobora gutuma indya zijamwo isumu, umuntu akahandurira indwara.
Wogwanya gute imigera ngo ntigwirirane mu gikoni?
- Hindura kenshi ibitambara vyo guhanagura ivyombo
- Hari abahinga basaba ko umuntu ahindura ivyo bitambara iminsi yose, canke ku minsi watetse.
- Ibitambara bikoreshwa rimwe gusa canke guhanaguza inkaratasi zabigenewe birahagarika igwirirana ry'imigera
- Ibitambara bikoreshwa kenshi bisabwa kumijigwamwo umuti canke bikameswa mu mazi ashushe kuri 60C.
- Mesa uburoso bwo guhanagura kenshi canke ubusukure na "détergent" n'amazi ashushe.
- Gerageza usukure aho utekera imbere y'ukuhakoresha
- Koresha imbaho zitandukanye iyo ukeba ibitekwa n'ibidatekwa
- Iyoze ibiganza wongere uvyumutse uhejeje gukora ivyo ugiye guteka nk'inyama mbisi
- Sukura ikibanza wakoreyemwo uhejeje guteka















